Aya niyo mateka yaranze Gen. Bosco Ntaganda yaciriwe umunyororo w’imyaka 30 na CPI

Mugatondo ko kuruyu wa kane,igenekerezo rya 7 Munyonyo 2019,sentare yakatiye igifungo c’umunyororo w’imyaka mirongo itatu umugabo yaramaze igihe aburana.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’irahe  CPI,(cour penale internationale),yakatiye igifungo c’imyaka mirongo itatu (30 ans d’emprisonnement),umunyarwanda w’imyaka 46 y’amavuka azwi kumazina ya Bosco Ntaganda ariko akaba yarasanzwe amenyerewe kw’izina ryiritazirano rya Terminator.

Gen.Bosco Ntaganda yakatiwe igifungo c’imyaka 30

Ngaya amwe mumateka yaranze ubuzima bwa Gen Bosco Ntaganda:

Gen.Bosco Ntaganda,imbere yuko afatwa agafungwa,yahoze arongoye umurwi w’abarwanyi muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo,ndetse akaba yafashwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha imwagiriza gukorera ubwicanyi abanyagihugu no gufata kunguvu abakenyezi  mumyaka ya 2002 na 2003,mugisagara ca Ituri,muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo.

Imbere yuko yinjiramu mihari y’abarwanyi yo muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo,Gen.Bosco Ntaganda,yaraciye mugisirikare c’uRwanda FPR inkotanyi,munyuma akaba yaciye yinjira mu mirwi irwana muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo.

Nyuma y’igihe kirekire ari mwishamba,Ntaganda yahisemwo guhagarika intambara yinjira mugisirikare ca congo aho kuva mu mwaka wa 2007 gushika 2012,yari umusirikare w’igihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo ndetse akaba yarafise ipete rya General.

Bosco Ntaganda akaba yaravuye mugisirikare ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo mu mwaka wa 2012 aho yafatanya na bagenzi biwe mugutanguza umuhari wa M23 wabiciye bigacika muri ico gihugu ariko ukaba wahavuwe usamburwa n’igisirikare ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo ifashwe mumugongo n’abasoda ba MONUSCO mu mwaka wa 2013.

Ntaganda abonyeko urugamba yaratanguje rwanse,yaciye ahitamwo guhungira mu Rwanda,igihugu ciwe c’amavuka aho yaciye yishikana kubuserukizi bw’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika mu Rwanda,aho yahavuye afatirwa aca arungikwa irahe kw’itaba sentare mpuzamakungu kuvyaha vyose yakoreye muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo.

Twobibutsako,kuva mumwaka wa 2013 gushika uyumusi,Gen.Bosco Ntaganda abarizwa mu minwe ya sentare mpuzamakungu CPI.

You may also like...