Ikibazo co kunguruza abantu mugisagara ca Bujumbura cahagurukiwe.

Ikibazo cokunguruza abantu mugisagara ca Bujumbura cari cigize ndanse ,camaze guhagurukirwa n’amashirahamwe amwe amwe y’abagwizatunga.

Inyuma yaho amashirahamwe ya Memento,JSP,SEVITEB azaniye ibimodoka binini binini bitwara ingenzi nyinshi,kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 6 Munyonyo 2019,ishirahamwe ryo kuziganya no kugurana MUTEC,naryoa ntiryasigaye inyuma aho ryaraye rizanye naryo nyene ibindi biduga binini bizofasha kwunguruza abantu mugisagara ca Bujumbura.

Imodoka nshasha zishirahamwe MUTEC zije gufasha kwunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura

Ikibazo co kunguruza abantu kikaba cari carabaye ndanse,naho Memento,SEVITEB na JSP zarizagerageje gupunguza imirongo y’abantu yibonekeza mugisagara ca Bujumbura mumasaha yo kumugoroba,nubu ico kibazo nticaribwatore umuti kuko imisi yose guhera isaha cumi nimwe z’umugoroba (17heures) usanga hari imirongo y’abantu baba barindiriye imodoka kugira bashobore gutaha mumakaritiye iwabo.

Imwe mumodoka nshasha z’ishirahamwe MUTEC zaje gufasha murujanuruza rw’abantu mugisagara ca Bujumbura

Bamwe mubasanzwe bafata bus mukwiyunguruza ngaha mugisagara ca Bujumbura bakaba barihutsa bibazako ikibazo co gutonda imirongo barindiriye imodoka gishobora kuba camaze gukemuka,abandi nabo basaba ahubwo n’abandi bagwizatunga kuzana ayindi miduga kuko abantu biyunguruza mugisagara ca Bujumbura ari benshi cane na cane cane iyo hageze kumasaha yo kumugoroba.

Imodoka nshasha y’ishirahamwe MUTEC izofasha kwunguruza ingenzi mugisagara ca Bujumbura

You may also like...