Ingoro y’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa yaraye ituriwe iratokombera

Ingoro y’umugambwe CNL,urongowe n’umushingamateka Hon.Agathon Rwasa yaraye ituriwe iratokombera n’abantu batarashobora kumenyekana.

Ivyo bikaba vyabaye mw’ijoro ryo kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Munyonyo 2019,aho abantu bataramenyekana baturira ingoro y’umugambwe CNL,iri kumutumba wa Magamba muri komine Nyabihanga y’intara ya Mwaro.

Ingoro y’umugambwe CNL yaraye ituriwe yo muri komine Nyabihanga kumutumba Magamba

Iyo ngoro yaraye ituriwe,bikaba vyari bitegekanijwe ko izo kw’ugururwa icese n’abanywanyi b’umugambwe CNL mumpera ziyindwi turimwo.

Ingoro y’umugambwe CNL kumutumba wa Magamba  muri komine ya Nyabihanga yaraye ituriwe

Uburongozi bw’umugambwe CNL kurwego rw’igihugu bukaba busaba ko reta yohagurukira ikibazo c’ukutihanganirana muvya poritike.

You may also like...