Leonce Ngendakumana niwe agiye guserukira umugambwe FRODEBU mu matora y’umukuru w’igihugu ya 2020.

Icegera c’umukuru w’umugambwe wa FRODEBU,umushingantahe Leonce Ngendakumana niwe yasizwe imbere n’umugambwe Frodebu kugira azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije kuba mu mwaka wa 2020.

Umushingamateka Leonce Ngendakumana agiye guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2020.

Ivyo bikaba vyavuye mw’ikoraniro ry’umugambwe  ry’indongozi zikomakomeye zuwo mugambwe ryabaye kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 9 Munyonyo 2019,aho yariko arahiganwa na Pierre Claver Nahimana umukuru w’umugambwe FRODEBU.

Hon.Leonce Ngendakumana akaba yaronse amajwi agera ku 132,n’ukuvuga ibice 82,5 kw’ijana (82,5%) mu gihe Pierre Claver Nahimana wewe yaronse amajwi make cane agera ku 28 gusa n’ukuvuga ibice 17,5 kw’ijana (17,5%).

Ibiharuro vyerekana i vyavuye mumatora

Leonce Ngendakumana agiye kuzohiganwa n’umukandida azoserukira umugambwe CNDD FDD,ariko akaba ataramenyekana.

You may also like...