Botswana:Ubu biremewe kurangura amabanga yabubatse kubantu basangiye ibitsina (Hommosexualite)

Mugihugu ca Botswana,ubu biremewe ko abantu basangiye ibitsina bashobora kurangura amabanga yabubatse ntihagire inkurikizi nimwe canke ngo hagire uwubafata .

Kuva kw’igenekerezo rya 5 Munyonyo 2019 ,sentare nkuru y’igihugu ca Botsawana, kumurwa mukuru  Gaborone ,yarakuyeho itegeko ryahora rihana abantu bose bahuza ibitsina babisangiye.

Bamwe mubasanzwe bahuza ibitsina babisangiyemuri Botswana umunezero wari mwinshi cane imbere ya sentare inyuma yaho sentare ibahaye uburenganzira

Ivyo rero bigasigura ko abagabo kubagabo canke abagore kubagore bashobora kurangura amabanga yabubatse mbere bakaba bafise n’uburenganzira bwo gutegura mariage bagasezerana imbere y’amategeko.

Michael Leburu ,umucamanza mukuru wa sentare nkuru yo mugihugu ca Botsawana,yamenyesheje ko gukumira abandi mu gihugu ca Botswana atakibanza bigifise,n’ukureka abantu bose bakishira bakizana mubwigenge bwabo.

Bamwe mubasanzwe baserukira ishirahamwe ry’abahuza ibitsina babisangiye muri Botswana bari bahagaze imbere ya sentare nkuru berekana umunezero

Uwo mucamanza yabandanije avugako igihugu kirimwo ukwishira no kwizana aba ari igihugu cubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu kandi kigatahura abantu bose mubutandukane bwabo.

Muri ico gihugu ca Botsawana,abantu bafashwe bariko barahuza ibitsina babisangiye bahora bahanishwa igihano cogufungwa umunyororo w’imyaka indwi ariko ubu sentare ikaba yaraye ikuyeho icogihano.

Isinzi ry’abahuza ibitsina babisangiye baribaje bifotoje barikumwe n’abacamanza inyuma yaho baribahejeje gukuraho igihano cabakurikirana

Twobibutsako mugukuraho igihana kubantu bahuza ibitsina babisangiye,igihugu ca Botswana gihambije ibihugu nka Africa yepfo,Sao Tome,Angola,Mozambique,Cap Vert .

You may also like...