uRwanda rwajanye kurubibe bihana na Uganda ibiziga vy’abagande 2 baherutse kuraswa n’abasirikare b’uRwanda.

Mugatondo ko kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 12 Munyonyo,abategetsi bo mugihugu c’uRwanda,bajanye kumupaka wa Uganda n’uRwanda,ibiziga vy’abanyagihugu babiri ba Uganda baherutse kuraswa n’abasirikare b’uRwanda.

Imodoka yera niyo yarimwo ibiziga,iyo yirabura nayo niyo yarimwo abategetsi b’uRwanda baribaherekeje ivyo biziga

Claudian Mushabe,umukuru w’igisagara ca Nyagatare mu gihugu c’uRwanda,niwe yararongoye umurwi w’abanyarwanda bajanye ibiziga vy’abagabo babiri babagande baherutse kuraswa n’abasirikare b’igihugu c’uRwanda,ndetse bakaba bakiriwe n’abasirikare,abapolisi, hamwe n’abandi bategetsi b’igihugu c’ubugande aho bari babarindiriye kumupaka w’ivyo bihugu bibiri.

Abategetsi b’uRwanda n’aba Uganda bari bahuriye kumupaka kugira bashobore gutanga ivyo biziga

Abo banyagihugu ba Uganda bakaba barashwe kumusi w’Imana ,igenekerezo rya 10 Munyonyo 2019 n’abasirikare b’igihugu c’uRwanda bokorera kumupaka wivyo bihugu bibiri.

Igisirikare c’uRwanda kikaba camenyesheje ko carashe abo banyagihugu kibakeka ko baribahejeje kwinjiza ibidandazwa mugihugu c’uRwanda munzira za magendo (inzira zitemewe n’amategeko zo mukinyegero).

Inyuma yo kubarasa,abasirikare b’igihugu c’uRwanda baciye bajana ivyo biziga bibiri muburuhukiro,aho bari bamaze imisi itatu.

Kuburuhukiro (morgue),ahari habiswe ibiziga bibiri vy’abagande bishwe n’abasirikare b’uRwanda

Twobibutsako,atari iryambere abasirikare b’igihugu c’uRwanda barashe abanyagihugu babagiriza kujabukana ibidandazwa babijana muri ico gihugu kuko atanukwezi kwari guheze barashe abandi banyagihugu babiri ndetse umwe akaba yaciye yitaba Imana,babagirizako bariko barajabukana ibidandazwa mw’ijoro munzira za magendo.

You may also like...