Inde:Umugabo yishe umukobwa wiwe amukereye n’imbugita amuhora ibi bikurikira

Mugihugu c’ubuhinde,mugisagara ca Uttar Pradesh,umugabo yishe umukobwa wiwe amukereye n’imbugita amuhora umuhungu bakundana.

Iryo bara rikaba ryabaye mw’ijoro ryo kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 17 Munyonyo 2019,aho umugabo yahengera abandi bafashe urugendo arengera kumwana wiwe aramukerera n’imbugita aramwica amuhoye umuhungu yakundana nuwo nyakwigendera.

Ishusho yerekana umuntu ahejeje kwicisha mugenziwe imbugita.

Nkuko bimenyeshwa na Girish Chandra Gautam,umukuru w’ikirindiro c’igipolisi co mugace ka Jasrana,umugabo azwi kumazina ya Harivansh Kumar niwe yishe umwana wiwe amukereye n’imbugita ariko akaba yariyabanje kumuturiza umuyagankuba kugira abanze atakaze inguvu,ndetse akaba yiyemerera icaha.

Yishura kubibazo vy’abapolisi,uwomugabo avuga ko yishe umwana wiwe w’umukobwa w’imyaka 22 y’amavuka yitwa Pooja,amuhora gukundana n’umuhungu azwi kumazina ya Gajendra,ndetse akaba yari yaramumubujije kenshi kubera ko uwomusore baribasangiye umuryango (meme caste),kandi bakaba baribasanzwe baba no muri karitiye imwe.

Uwomukuru w’ikirindiro,akaba yamenyesheje ko uwomugabo yishe uwo mukobwa wiwe mugihe yaragarutse avuye guherekeza uwo musore kuko yari yagorobeje gutemberera uwo mwigeme.

Twobibutsa ko,umwe mubahungu buwo mugabo yaraye yihaye ibara akaba yamaze gutwara ikirego muri sentare kugira se ashobore gukurikiranwa n’icaha co kwica umuntu yabigambiriye.

You may also like...