Petero Nkurunziza yaraburiye Abagumyabanga bipfuza guhemukira umugambwe CNDD-FDD.

Nyenicubahiro,umukuru w’igihugu c’uBurundi,Petero Nkurunziza,yaraye aburiye abagumyabanga bafise agatim ko guhemukira umugambwe CNDD-FDD.

Ivyo,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,yabivugiye mubirori vyo gusozera indwi yahariwe intwari zarwanye urugamba vyabaye kuruyu wa gatandatu ,igenekerezo rya 16 Munyonyo 2019 muri komine Mubimbi y’intara ya Bujumbura,benshi bita Bujumbura rural.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mubirori vyogusozera indwi yahariwe Intwari.

Umukuru w’igihugu c’uBurundi,Petero Nkurunziza,yabwiye abagumyabanga baraho ko atanumwe yahemukiye umugambwe CNDD-FDD yigeze agira amahirwe kuva bakiri mwishamba nogushika bageze mugihugu.

Mwijambo ryiwe,umukuru w’ighugu c’uBurundi yabwiye abagumyabanga baraho ko uwuzohirahira agahemukira umugambwe CNDD-FDD,azokubitwa n’inkini y’Imana yaka umuriro,kubera ubu umugambwe CNDD-FDD,washize imbere Imana mubikorwa vyose ukora.

Umukuru w’igihugu c’uBurundi,akaba yarangije asaba abagumyabanga bose gufata nka nkama iyo mburi yari abahaye kuko uwuzihenda agahemukira umugambwe CNDD-FDD,azohura n’Imana mushobora vyose.

Twobibutsako,umukuru w’igihugu c’uBurundi,Petero Nkurunziza,yabanje kumenyesha abagumyabanga baraho ko umugambwe,intamabara yaheze,ariko abazogerageza kuzana akajagari bazobavugutira umuti ubakwiriye kubera muri CNDD-FDD barya bakaravye,kubwivyo rero ntihaze hagire umuntu numwe yigerezako.

You may also like...