Inama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu vyo mukarere ka Africa y’ubuseruko EAC,yasubitswe.

Inama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu vyo mukarere ka Africa y’ubuseruko,EAC (East African Community) yaritegekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo 2019,yasubitswe.

Ivyo bikaba  vyamenyeshejwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vya Africa y’ubuseruko Liberat Mfumukeko,abicishije murwandiko yandikiye abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC,abamenyesha ko iyo nama yungururije kurindi sango.

Abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC mugihe baribasozereye inama yabo igira iya 20

Imvo yatumye iyo nama  igira iya 21 y’abakuru b’ibihugu vyo mukarere kubuseruko isubikwa ,nuko hari umukuru w’igihugu umwe yabisavye ko yokungururizwa kurindi sango.

Iryo tangazo rikabandanya rimenyesha ko ,iyo nama yunguruwe ishobora kuba mukwezi kwa Nzero canke Ruhuhuma mumwaka wa 2020,ariko igenekerezo ntabanduka rikaba rizokumvikanwako hanyuma.

Iryo tangazo ribandanya rimenyesha ko izindi nama zose zari zitegekanijwe kuba kubandi bakozi batandukanye bo muri uwo muryango w’ibihugu vyakarere k’ubuseruko zizobandanya kuba nkuko vyaribitegekanijwe.

Twobibutsako n’inama igira iya 20 y’abakuru b’ibihugu vyo mukarere k’ubuseruko yaheruka kuba mukwezi kwa Ruhuhuma 2019,mugihe yari yasubitswe incuro atari zike kubera imvo zitandukanye z’abakuru b’ibihugu vyo muri kano karere ka EAC.

You may also like...