Petero Nkurunziza yarungikiye John Magufuli ubutumwa budasanzwe.

Umukuru w’igihugu c’uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza,yarungikiye mugenzi we,umukuru w’igihugu ca Tanzaniya,John Pombe Magufuli ubutumwa budasanzwe.

Abicishije kuri Ambassadeur Ezechiel Nibigira,umushikiranganji w’uBurundi,ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu,umukuru w’igihugu c’uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza,yarungikiye mugenziwe arongoye igihugu ca Tanzaniya ,John Pombe Magufuli ubutumwa budasanzwe.

Ambassadeur Ezechiel Nibigira,umushikiranganji w’imigenderanire w’uBurundi  n’ayandi makungu akaba yakiriwe kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 19 Munyonyo 2019,n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli mugisagara ca Daresalam.

Ezechiel Nibigira yakiriwe n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli

Abicishije kurubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter rw’ubushikiranganji bw’uBurundi bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu,Ambassadeur Ezechiel Nibigira maenyesha ko yakiriwe n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya,ndetse akaba yaramushiriye ubutumwa budasanzwe yarungikanywe n’umukuru w’igihugu c’uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza.

Ubushikiranganji bw’uBurundi bujejwe imigenderanire n’ayandi aho bwamenyesha ko Ezechiel Nibigira yashiriye Perezida wa Tanzaniya ubutumwa yarungikanywe na Petero Nkurunziza.

Twobibutsako,muri urwo rugendo,umushikiranganji Ezechiel Nibigira yagiye aherekejwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD,Gen.Evariste Ndayishimiye arikumwe n’abandi bategetsi batandukanye.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya,yahaye umubonano abagiye bajanye ubutumwa bw’umukuru w’igihugu c’uBurundi

You may also like...