Ivyo Jacques Bigirimana asaba akarere ka EAC,inyuma y’igitero cabereye i Mabayi.

Jacques Bigirimana,umukuru w’umugambwe FNLutavuga rumwe na reta y’uBurundi,yagize ico ashikiriza inyuma y’igitero cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho aho bateye ikirindiro c’abasirikare b’igihugu c’uBurundi mu ntara ya Cibitoke ,muri komine ya Mabayi.

Inyuma y’igitero cakozwe kukirindiro c’abasirikare b’igihugu c’uBurundi ku mutumba wa Marura muri komine ya Mabayi kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 17 Munyonyo,Jacques Bigirimana,umukuru w’umugambwe FNL,amenyesha ko icogitero cakozwe n’igihugu c’uRwanda.

Jacques Bigirimana,umukuru w’umugambwe FNL,utavuga rumwe na reta y’uBurundi.

Uwo mukuru w’umugambwe FNL,amenyesha ko igihugu c’uRwanda cahagurutse kugira gihungabanye umutekano w’akarere k’ibihugu vya Africa y’ubuseruko,ndetse akanabeshuza amakuru yavugako abateye mu ntara ya Cibitoke boba bazananye mugihugu c’Ubuganda.

Jacques Bigirimana akaba yamenyesheje ko atagihugu c’ubuganda cateye uBurundi kubera ntabwo gihana urubibe n’igihugu c’uBrundi,kubwiwe abateye muntara ya Cibitoke bazananye mugihugu c’uRwanda.

Uwo mukuru w’umugambwe FNL,akaba ndetse yasavye indongozi z’akarere ka Africa y’ubuseruko ko zofasha kugira hagaruke umwumvikano hagati y’ibihugu vy’uBurundi n’uRwanda,amazi atararenga inkombe,bibananiye naho umuryango w’ibihugu vya Africa y’ubuseruko EAC woca ushaka ugasambuka igihugu cose kikimenya.

You may also like...