Dr Joseph Butore yuguruye inyubakwa zizorangurirwamwo ibikorwa bitandukanye i Muramvya..

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’uBurundi, Dr. Joseph Butore,murugendo arimwo muntara ya Muramvya,yuguruye inyubakwa zizoranguriramwo ibikorwa bitandukanye.

Murugendo yakoze kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 22 Munyonyo 2019,muntara ya Muramvya,icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’uBurundi, Dr Joseph Butore,yabanje kwugurura inyubakwa nshasha z’ibitaro bikuru vy’i Kiganda.

Inyubakwa z’ibitaro vy’ikiganda vyuguruwe na Joseph Butore.

Inyuma yo kwugurura izo nyubakwa z’ibitaro vyi Kiganda,icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’uBurundi,Dr Joseph Butore,yuguruye inyubakwa  y’igorofa y’akarorero y’ishure Harvest School riherereye muri komine ya Muramvya.

 

Ahejeje kwugurura inyubakwa za Harvest School,icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’uBurundi,yuguruye icese inyubakwa y’igorofa y’akarorero igiye gukoreramwo ishami ry’ibanki BGF (Banque de Gestion et de Financement) iri kumurwa mukuru w’intara ya Muramvya.

Inyubakwa nshasha z’ibanki BGF muntara ya Muramvya.

You may also like...