Ivyo Donald Trump yagirijwe vyose bishobora gutuma atanga imihoho.

Inyuma y’imisi umunani humvirizwa abagiriza umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump,ivyo yagirijwe vyose n’ibintu bikomeye bishobora gutuma atanga imihoho.

Umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump asabwa gutanga imihoho.

Ivyo bikaba vyaraye bimenyeshejwe kuruyu wa kane,igenekerezo rya 21 Munyonyo na Adam Schiff,umushingamateka wo mumugambwe waba democrates ajejwe gukurikirana amatohoza yo gukura kubutegetsi umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,Donald Trump.

Adam Schiff,amenyesha ko ivyo perezida Donald Trump yagirizwa bikomeye cane gusumba ivyigeze kwagirizwa Richard Nixon,yahoze ari umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika mu mwaka wa 1974,aho yagirijwe ico bise Watergate,camuviriyemwo gutanga imihoho mugutinya ko ashobora gukurwa n’abashingamateka bikaba vyari gutuma izina ryiwe ricafura.

Umushiingamateka Adam Schiff avuga ko ivyo Donald Trump yagirizwa bikomeye cane

Bamwe muba republicains begereye Donald Trump,bamenyesha ko kuvugako ivyo Trump yagirizwa bisumba ivyo Nixon yagirizwa ico gihe,ngo n’ugutera ubwoba Perezida Donald Trump kugira ashobore gutanga imihoho.

Twobibutsako umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yagirizwa kuba yarategetse umukuru w’igihugu ca Ukraine,Volodymyr Zelensky,,gukora amatohoza y’ibinyoma kuri Joe Biden,umwe muba candida b’umugambwe waba Democrate yiteguriye guhiganwa na Trump kugira bamucafuze ntazohave atorwa.

You may also like...