Ubushikiranganji bw’umutekano busaba abarundi kwima amatwi ibihuha bishikirizwa n’ibimenyeshamakuru vyo mu Rwanda.

Ubushikiranganji bw’uBurundi bujejwe umutekano no gukinga ibiza,busaba abarundi kutabandanya batega amatwi amakuru y’ibihuha ashikirizwa  ku Burundi,n’ibimenyeshamakuru vyo mugihugu c’uRwanda.

Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryashizwe ahabona  kuruyu wa kabiri ,igenekerezo rya 26 Munyonyo 2019,n’ubushikiranganji bw’uBurundi bujejwe umutekano no gukinga ibiza aho basaba abarundi bose kudatega amatwi ibihuha bishikirizwa kugihugu c’uBurundi, n’ibimenyeshamakuru bimwe bimwe vyo mugihugu c’uRwanda bikorera kubuhinga ngurukana bumenyi .

Ikete ry’ubushikiranganji bujejwe umutekano no gukinga ibiza ryiyamiriza ibimenyeshamakuru bivuga ibihuha

Muri iryo kete ryateweko umukono na OPP1 Nkurikiye Pierre,umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza,ubwo bushikiranganji busaba abarundi kudatega amatwi ibimenyeshamakuru bimwe bimwe nka IYAKURE TV,ISHAMI TV,KIGALI NEWS n’ibindi kuko bivuga amakuru y’ibinyoma kugihugu c’uBurundi aho bama bariko barashikiriza ko ibintu mu Burundi bitoroshe kandi igihugu cibereye mu mahoro.

OPP1 Pierre Nkurikiye,umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano no gukinga ibiza

Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko ivyo babikora muntumbero yo kunyegeza ukuri kugira bashushe imitima y’abanyagihugu nkuko babikoze mumwaka wa 2015 mugihe c’igeragezwa ry’ihirikwa ry’ubutegetsi kugira babandanye bacafuza igihugu c’uBurundi mumakungu.

Nkuko bibandanya bimenyeshwa muri iryo kete,ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza buvuga ko ivyo vyose ivyo bimenyeshamakuru bibikora muntumbero yogutera ubwoba mubenegihugu,gusamaza abarundi bibereye kukivi,no kubacanishamwo muntumbero yo gutoba amatora ya 2020.

Mukurangiza iryo tangazo,ubushikiranganji bujejwe umutekano no gukinga ibiza bwibukije ko ivyo bikorwa n’ibimenyeshamakuru vyo mugihugu c’uRwanda mugutanga amakuru y’ibinyoma ku Burundi bisanzwe bihanwa n’amategeko y’igihugu c’uBurundi.

You may also like...