Uwuserukira ubumwe bwa burayi (UE) muri Benin yirukanywe ubutaraririye muri ico gihugu.

Mugihugu ca Benin,uwarasanzwe aserukira ubumwe bwa burayi (Union Europeenne) muri ico gihugu yirukanywe ubutaraririye.

Ambassadeur Olivier Nette,yaramaze umwaka n’igice aserukira ubumwe bwa burayi mugihugu ca Benin,yaraye yirukanywe ubutaraririye muri icogihugu ndetse akaba yahawe amasaha atarenga mirongo ibiri nane kugira azobe yavuye muri icogihugu.

Olivier Nette yarasanzwe aserukira ubumwe bwaburayi muri Benin.

 

Ivyo bikaba vyabaye kumugoroba wo kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 27 Munyonyo 2019,aho umushikiranganji w’igihugu ca Benin ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yandikira urwete Olivier Nette,yarasanzwe aserukira ubumwe bwa burayi muri ico gihugu kuba yamaze kuva mugihugu ca Benin bitarenze kw’igenekerezo rya mbere Kigarama uyumwaka.

Ivyo zitangwa n’abategetsi b’igihugu ca Benin kwiyirukanwa rya Olivier Nette muri ico gihugu,nuko vyabonetse incuro nyinshi ko yagumye yivanga mubibazo vya poritike biri muri icogihugu ndetse reta ya Benin ikaba yari yarasavye ubumwe bwa burayi kumuhindura bakabarungikira uwundi ariko bakaba baribaranse kumuhindura.

Twobibutsa ko Ambasadeur Olivier Nette yarasanzwe aserukira umuryango w’ibihugu vy’ubumwe vya burayi yari yashitse muri ayo mabanga muri ico gihugu mukwezi kwa Ruhuhuma 2018.

You may also like...