Igipolisi c’uBurundi cafashe ibirwanisho vyari binyegejwe mwishamba.

Kuruyu wa kane,igenekerezo rya 28 Munyonyo 2019,inzego zijejwe umutekano zo muntara ya Rutana zazindutse zifata ibirwanisho vyari binyegeje mumurima.

Ivyo bikaba vyabereye ku mutumba wa Nyamure,aho abapolisi bariwe akara n’abanyagihugu bafata ibirwanisho vy’ubwoko butandukanye aho vyari binyegeje mu murima w’ibigori.

Ibirwanisho vyafashwe

Muri ivyo birwanisho vyafashwe hakaba harimwo ibisasu ntezwa minwe indwi (7Grenades),igisasu ntezaminwe kimwe co mubwoko bwa “dix tonnes”,inkoho ishaje yo mubwoko bwa Kalash FM,hamwe n’amasase atandukanye ashika kumirongo itanu nane (54 cartouches).

Amakuru atangwa n’abagize inzego z’umutekano ngaho muntara ya Muyinga bamenyasha ko ivyo birwanisho vyari binyegejwe kandi vyaboneka ko bimaze igihe kirekire binyegeje.

Twobibutsa ko mugipolisi batanguye gukora amatohoza ,ndetse hakaba hari n’abantu bamaze gutabwa muri yompi kugira hashobore kumenyekana uwariyanyegeje ivyo birwanisho nicoyaragambiriye kubikoresha.

You may also like...