RDC:Abanyagihugu banse kuja kumirimo yabo kugira reta ibanze igarukane umutekano.

Muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,abanyagihugu bo mugisagara ca Goma banse kuja kumirimo yabo ya misi yose kugira reta ibanze igarukane umutekano.

Ivyo bikaba vyabaye kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 29 Munyonyo 2019,aho abanyagihugu basanzwe hamwe n’abakozi bareta bafata ingingo yo kutaja kumirimo muntumbero yo kwerekana akababaro bafise kubera umutekano muke urangwa mugisagara ca Beni.

Amwe mumabarabara yo mugisagara ca Goma ntabantu bayarangwamwo.

Abo banyagihugu bakaba bitavye akamo  ko kutaja kumirimo kuruyu musi wa gatanu,igenekerezo rya 29 Munyonyo 2019,baribatewe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yo muntara ya Nord-Kivu.

Kuva mugatondo ko kuruyu wa gatanu,amazu atandukanye y’ubudandarizo bw’ibintu bitandukanye atari make yariyugaye,imiduga yunguruza abantu n’ibintu ntiyakoze,abanyeshure bo mumashure mato mato,ayisumbuye na kaminuza ntibagiye kwiga ndetse n’abakozi ba reta bamwe bamwe ntibagiye kukazi.

Kuva kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 25 Munyonyo,igisagara ca Goma kimaze imisi kirimwo imyiyerekano ikomeye cane aho ndetse abari mumyiyerekano batana mu mitwe n’inzego zijejwe umutekano.

Twobibutsa ko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yahamagariye abantu kutaja kubuzi kuruyu wagatanu,asaba igisirikare ca Congo hamwe n’abasirikare ba MONUSCO gukora ibishoboka vyose bakagarukana umutekano mugissgara ca Beni,ataruko bakareka kubandanya bahenda amakungu ko hari ico bariko barakora.

 

You may also like...