Agathon Rwasa asaba abari muntwaro gutandukanya amabanga bajejwe n’ibikorwa vy’imigambwe.

Rwasa Agathon,umukuru w’umugambwe CNL,akongera akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka y’igihugu c’uBurundi,asaba abari muntwaro gutandukanya amabangabajejwe n’ibikorwa vy’imigambwe.

Ivyo,umukuru w’umugambwe CNL,akaba yabivuze kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 30 Munyonyo 2019,aho yararamutse yugurura inguro y’uwo mugambwe muri komine Gitobe y’intara ya Kirundo,aho yamenyesha ko abajejwe intwaro bamwe bamwe bitwaza amabanga bajejwe mugihugu mukuburagiza abanywanyi b’iyindi migambwe.

Rwasa Agathon,umukuru w’umugambwe CNL,mubirori vyo kugurura ingoro y’uwomugambwe muri komine Gitobe.

Kubw’umushingamateka Agathon Rwasa,indongonzi nziza yategerezwa kumenya gutandukanya amabanga yotarewe yogukorera igihugu n’amabanga yogukorera umugambwe kuko asanga abenshi bitwaza ibibanza bafise muntwaro kugira baburagize abo badasangiye umugambwe.

Agathon Rwasa,umushingamateka akongera akaba n’umukuru w’umugambwe CNL,amenyesha ko abjejwe intwaro bamwe bamwe ivyo babikora kubera batazi amategeko agenga igihugu abandi nabo bakabikora babanje kwirengagiza amategeko y’igihugu muntumbero yokunezereza umugambwe uba warabashize muri ayo mabanga.

Umushingamateka Agathon Rwasa,yamenyesheje abanywanyi b’umugambwe arongoye ko abari muntwaro bahohotera abanywanyi b’umugambwe CNL kubera uwo mugambwe ufise abanywanyi benshi .

Mw’ijambo ryiwe,umushingamateka Agathon Rwasa ,akongera akaba ,umukuru w’umugambwe CNL,yasavye abanywanyi b’uwo mugambwe kwirinda gusotorana n’abanywanyi b’iyindi migambwe ndetse akaba yanabasavye kwitegurira amatora ategekanijwe  mumwaka wa 2020.

You may also like...