Inyuma yaho basohoreye indirimbo irimwo ibishegu,bamwe mubarundi basaba igipolisi guhagarika Natacha na B-face.

Inyuma yaho abarimvyi b’abarundi,Natacha Ngendabanka batazira La Boss na B-Face basohoreye indirimbo yabo bise “Hindukira”,bamwe mubarundi bagize ico bayivugako.

Bamwe mu barundi bamaze kumviriza iyo ndirimbo,bavugako yuzuyemwo amajambo y’uruterasoni gusa ndetse bamwe bakagera kure mugusaba ko abo baririmvyi bohagarikwa n’igipolisi kubera amajambo ari mu ndirimbo yabo asa nayatajanye n’imigenzo n’imico vy’abarundi .

Amwe mumajambo yashikirijwe n’abarundi bakoresha imbuga ngurukana bumenyi biyamiriza indirimbo Hindukira.

Babicishije kurubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter,abarundi batari bake baratera ivyatsi iyo ndirimbo kuko bavugako amajambo ayivurwamwo atosekaza imico n’imigenzo y’abarundi ndetse bamwe bagasaba ko itosubira guca kumaradiyo yo ngaha mugihugu c’uBurundi kuko iyo ndirimbo ntayindi nyigisho irimwo atari ukwigisha ibishirasoni.

Zimwe mu mpanuro zatanzwe n’abakoresha imbuga ngurukana bumenyi

Bamwe mubarundi bakaba bamenyesheje ko kuba umuririmvyi Natacha atarafatwa ari kubera afise inguvu zidasanzwe kuko avuga rikijana kubwabo ati iyaba ari uwundi muririmvyi aba yamaze gutabwa mumvuto n’igipolisi.

Bamwe mubidogeye igipolisi bibaza igituma Natacha atarafatwa.

Abandi bararwa bakagaruka bati naho atofatwa n’igipolisi ngo afungwe,abegereye umuririmvyi Natacha La Boss bomwegera bakamuha impanuro kuko ariko aronona urwaruka rw’uBurundi mu mitwe kandi igihugu gisanzwe gifise imico mwiza.

Abandi basavye ko umuririmvyi Natacha bomuhanura.

Umviriza indirimbo Hindukira  ya B-face arikumwe na Natacha ngaho musi .

You may also like...