Lt.Gen.Prime Niyongabo,umugaba w’ingabo arahimiriza abasirikare gukingira ibidukijeje.

Lt.Gen.Prime Niyongabo,umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare c’uBurundi,arahimiriza abasirikare arongoye gukingira ibidukikije mukubungabunga ibiti vyatewe mu mugambi bise “Ewe Burundi urambaye.”

Kuruyu wa kane,igenekerezo rya 5 Kigarama 2019,Lt.Gen Prime Niyongabo,umukuru w’ibiro vya gisirikare c’uBurundi,yari yazindutse yishikira muri komine Kabezi y’intara ya Bujumbura,abenshi bakunze kwita Bujumbura Rural,aho yafashije mugukorera ibiti vyatewe muri iyo komine mumugambi wa reta wiswe “Ewe Burundi urambaye”.

Lt.Gen.Prime Niyongabo,aho yaariko aragenzura amatuta atewemwo imivyaro y’ibiti vyo gutera.

Muri ivyo bikorwa,umukuru w’ibiro vya gisirikare c’uBurundi akaba yarikumwe n’abandi basirikare bakomakomeye ndetse na Musitanteri wa komine kaezi akaba nawenyene yariyaje muri ico gikorwa aho bagerageje gukorera ibiti vyamaze kunaga ndetse bakaba bagiriyeko basubiriza ivyanse kunaga.

Lt.Gen.Prime Niyongabo,aho yarikumwe n’izindi ntwazangabo hamwe na muburamatari wa Bujumbura mugihe bariko baratera ibiti.

Igikorwa nkiconyene co gukorera neza ibiti vyatewe muri uwo mugambi wa reta wogukingira ibidukikije wiswe “Ewe Burundi urambaye”,cabaye muntara ya Ngozi aho carikirongowe na Gen.de Brigade Marius Ngendabanka,aho bakoreye ibiti vyamaze kunaga bongera basubiriza ivyakubiswe n’izuba.

Ge.de Brigade Marius NGENDABANKA mugihe bariko baratera ibiti mu ntara ya Ngozi.

Abo bategetsi mugisirikare bose uko ari babiri,basavye abanyagihugu bitavye ivyo bikorwa kubungabunga ivyo biti ndetse uwo mugambi wogukingira ibidukikije abanyaguhugu basabwe kuwugira uwabo.

Gen.de Brigade Marius Ngendabanka mugihe yariko arasaba abanyagihugu kugira uwo mugambi wogukingira ibidukikije uwabo

Bubicishije kurubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter,ubushikiranganji bw’uBurundi bujejwe ivyo kwivuna abansi bwamenyesheje ivyo bikorwa vyaranguwe n’izontwazangabo zibiri z’igisirikare c’uBurundi.

Amakuru yacishijwe kurubuga rw’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi yavuga ivyibikorwa vyaranguwe n’izontwazango zibiri.

Twobibutsa ko,Lt.Gen.Prime Niyongabo,umukuru w’ibiro vya gisirikare ariwe mukuru wa komite y’igihugu ijejwe gushiramungira umugambi w’igihugu wogukingira ibidukikije no gutera ibiti bise ”Ewe Burundi urambaye.”

Lt.Gen.Prime Niyongabo mugihea yarafise isukaa ariko aratera ibiti muntumbero yo gukingira ibidukikije.

You may also like...