Uwuzokwerekana uwumugabo aho yoba aherereye azohabwa agashimwe ka miriyoni 5 z’amadorare

Ibiro bijejwe gukora amatohoza  vya reta zunze ubumwe za Amerika FBI(Federal Bureau of Investigation),biramenyesha umuntu wese azoshobora kwerekana,canke gutanga amakuru y’ umugabo azwi kumazina ya Jehad Serwan Mostafa ko azoca ahabwa agashimwe.

Jehad Serwan Mostafa n’umugabo w’umwihevyi w’imyaka 37 y’amavuka afise ubwenegihugu bwa reta zunze ubumwe za Amerika,ndetse akaba ari umwe mubantu baronderwa cane nicogihugu kuva mu mwaka wa 2009,ariko akaba atarafatwa.

Jehad Mosta aronderwa bukware na reta zunze ubumwe za Amerika.

Robert Brewer,umushikiriza manza mukuru muri reta ya Californiya,amenyesha ko Jehad Serwan Mostafa akorana n’umurwi w’iterabwoba wa AL-Shabaab usanzwe ugisibije mugihugu ca Somaliya ndetse akaba ari mubategetsi bakomakomeye muri uwo murwi kandi akaba arumwe mubajejwe gukora ibisasu bikoreshwa mubitero vya Al-Shabaab.

Robert Brewer ariko aratanga amakuru kubijanye na Mostafa

FBI,imenyesha ko Jehad Serwan Mostafa yinjiye muri uwo murwi w’iterabwoba wa Al-Shabaab kuva mu mwaka wa 2008 ndetse akaba yagiye arafata ibibanza bikomakomeye muri uwo murwi,ndetse akaba aheruka kubonwa ubwanyuma mu mwaka wa 2011,ari mugihugu ca Somaliya.

Reta zunze ubumwe za Amerika zikaba zisaba umuntu wese yobona uwo mugabo gutanga makuru hakiri kare ndetse n’agashimwe k’imiriyoni 5 z’amadorare y’abanyamerika kakaba karateguwe kuruwo muntu wese azomwerekana.

Scott Bruner,umwe mu bakozi ba FBI muri reta zunze ubumwe za Amerika,asaba ibihugu vyo muri afirika y’ubuseruko gufasha kugira uwo mwihevyi afatwe kuko bivurwako yoba aherereye mubumanuko bw’ igihugu ca Somaliya .

Robert Brewer,amenyesha ko Jehad Serwan Mostafa ariwe munyamerika afise amabanga akomeye mu murwi w’iterabwoba .

You may also like...