Urutonde rw’ibihugu cumi bifise ibisirikare n’ibirwanisho bikomeye kuruta ibindi kw’isi mu mwaka wa 2019.

Uko umwaka utashe,ikigo Global Fire Power gisanzwe gikurikiranira ahagufi ibijanye n’ibirwanisho hamwe n’ibisirikare kw’isi kirasohora urutonde rw’ingene ibihugu vyo kwisi yose bigenda birasumbasumbana mubijanye n’inguvu za gisirikare.

Muruyu mwaka wa 2019,tukaba duhisemwo kubabwira ibihugu cumi bifise ibisirikare bikomeye cane gusumba ibindi kw’isi hamwe n’ibikoresho bisanzwe bifise.

Uru nirwo rutonde rw’ibihugu 10 bifise ibisirikare bikomeye gusumba ibindi kwisi muruyu mwaka wa 2019:

  1. USA (Reta zunze ubumwe za Amerika):igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika nico kiza kwisonga kurutonde rw’ibihugu bifise ibisirikare bikomeye cane kw’isi,ndetse rukaba rufise abasirikare bangana 1.281.900,basanzwe bari  mukazi hamwe n’abasirikare bagera 860.000 bintegabizoza,igisirikare ca amerika gifise indege z’intamabara zigera ku 13.398,ibirwanisho vyo mubwoka bwa chars d’assaut  zishika 6.287 hamwe nubwato bw’intamabara bukomakomeye bushika ku 415.

    Abasirikare ba reta zunze ubumwe za Amerika mugihe bari kurugamaba mugihugu ca Irak.

  2. Russie (Uburusiya):igihugu c’uburusiya kiza mukibanza ca kabiri kurutonde rw’ibihugu bifise ibisirikare bikomeye kw’isi,ndetse kikaba gifise abasirikare 1.013.628 basanzwe bari kukivi hamwe nabasirikare b’intega bizoza bashika 2.572.500,igisirikare c’uburusiya kikaba kandi gifise indege z’intambara zishika ku 4.078,ibirwanisho vyo mubwoko bwa burende (Chars d’assaut) zishika 21.932 hamwe n’ubwato bw’intamabara bushika kuri 352.

    Burende yo mubwoko bwa Chars d’assaut y’igihugu c’uburusiya.

  3. Chine (Ubushinwa):mukibanza ca gatatu haza igihugu c’ubushinwa mubihugu bifise ibisirikare bikomeye gusumba ibindi kwisi aho gifise abasirikare babarizwa muri 2.183.000 basanzwe bari kukivi hamwe n’abandi bashika ku 510.000 basanzwe ari intega bizoza (reservistes),ubushinwa bufise kandi indege z’intamabara zishika 3.187,burende (Chars d’assaut) zishika 13.050 hamwe n’ubwato bw’intamabara bushika ku 714.

    Abasirikare b’igihugu c’ubushinwa mugihe baribiteguriye kuja kurugamba guhangana n’umwansi.

  4. Inde (Ubuhinde):mukibanza ca kane c’ibihugu bifise abasirikare bakomeye cane kwisi haza igihugu c’ubuhinde aho gifise abasirikare bashika 1.362.500 basanzwe bari kukivi hamwe na 2.100.000 basanzwe ari intega bizoza ndetse bakaba bafise indege z’intamabara 2.082,Chars d’assaut zishika kuri 4.184 hamwe n’ubwato bw’intamabara bushika 295.

    Abasirikare b’igihugu c’ubuhinde mugihe bari kurugamba.

  5. France (Ubufaransa):mukibanza ca gatanu c’ibihugu bifise ibisirikare bikomeye kwisi haza igihugu c’ubufaransa aho gifise abasirikare babarizwa mu 205.000 barikukivi hamwe na 183.635 basanzwe ari intega bizoza,icogisirikare gikoresha indege z’intamabara zishika 1.248 ,burende zishika 406 hamwe n’ubwato bushika 118.

    Abasirikare b’igihugu c’ubufaransa mugihe bariko barahangana n’umwansi mugihugu ca Mali.

  6. Japon (Ubuyapani):Ubuyapani buza mukibanza ca gatandatu ndetse bukaba bufise abasirikare 247.157 bari kukivi hamwe nabashika 56.000 b’intega bizoza,igisirikare c’ubuyapani gifise indege z’intamabara zishika 1.572,burende 1.004 hamwe n’ubwato bw’intamabara 131.

    Abasirikare b’igihugu c’ubuyapani mugihe bariko baritegura kugira baje guhangana n’umwansi.

  7. Corree du Sud (Koreya yepfo):mukibanza c’indwi haza igihugu ca koreya yepfo gifise abasirikare 625.000 barikukivi hamwe na 5.202.250 basanzwe ari intega bizoza,igisirikare ca koreya yepfo gifise indege z’intambara zishika 1.614,burende 2.654 hamwe n’ubwato bw’intamabara 166.

    Umusirikare w’igihugu ca koreya yepfo ariko ararasana n’abarwanyi kumurwa mukuru wico gihugu.

  8. Royaume-Uni (Ubwongereza):igihugu c’ubwongereza kiza mukibanza c’umunani ndetse kikaba gifise abasirikare bari ku kivi bashika 150.000 hamwe n’abasirikare b’integabizoza bashika 83.000,icogisirikare gikoresha indege z’intamabara 811,burende 331 hamwe n’ubwato bw’intambara 76.

    Abasirikare b’igihugu c’ubwongereza mugihe bari kurugamaba mugihugu ca Afhganistan

  9. Turquie (Turikiya):igihugu ca turikiya kiza mukibanza c’icenda gifise abasirikare 355.000 barikukivi hamwe na 380.000 b’intega bizoza,ndetse kikaba gikoresha indege z’intamabara 1.067,burende 3200 hamwe n’ubwato bw’intambara 194.

    Abasoda b’igihugu ca Turikiya barikurugamaba.

  10. Allemagne (Ubudagi):mukibanza ca cumi haza igihugu c’ubudagi gisanzwe gifise abasirikare 178.641 basanzwe bari kukivi hamwe na 30.000 b’intega bizoza,ndetse ico gisirikare kikaba gikoresha indege z’intamabara 613,burende 900 n’ubwato bw’intamabara 81.

    Abasirikare b’igihugu c’ubudage

Twobibutsa ko kuri urwo rutonde rw’ibihugu  bifise ibisirikare bikomeye gusumba ibindi kw’isi,igihugu ca Egypte kumugabane wa Africa nico kigerageza kuza mukibanza ciza aho,kiza mukibanza ca 12 kuri urwo rutonde.

You may also like...