Francine Niyonsaba yaguze imodoka atawundi mwigeme w’umurundi yari bwubahuke kuyigura.

Umunonotsi w’umurundikazi mu gusiganwa mu mukino wo kwiruka ku metero amajana umunani (800m),Francine Niyonsaba,yabaye umwigeme wa mbere w’umurundikazi yerkanye ko yibitseko agafaranga gateye ubwoba inyuma yaho yerekaniye imodoka idasanzwe yoba asigaye atermberamwo.

Iyo modoka y’umunonotsi w’umurundikazi Francine Niyonsaba,n’imodoka isanzwe imenyerewe mu bategetsi bo kurwego rwo hejuru haba mu Burundi canke mu mahanga ,iyi modoka ni modoka isanzwe iri mu ma modoka ya Toyota yo mu bwoko bwa  Toyota V8.

Umunonotsi mukwiruka Francine Niyonsaba yaragiye kwinjira mumodoka yiwe yo mubwoko bwa Toyota V8.

Nkuko twagerageje gukora yo mu mizi kubijanye n’iyi modoka ya  Francine Niyonsaba,nimwe mumodoka zisanzwe zigurwa amahera menshi ugerarinije n’izindi modoka abantu basanzwe bakunda kugiramwo.

Nkuko twavyiboneye kuruguga rwa Beforward.jp abarundi benshi bakunda kugurirako imodoka ,iyi modoka iri mu mahera yamanyamerika ari hagati ya $50.000 na $80.000 ,abasanzwe bagura ubwo bwoko bwizo modoka bakaba batmenyesheje ko iyi modoka ya Francine Niyonsaba yoba ihagaze mu mahera yamarundi ari hagati yi y’imiriyoni amajana abiri n’imiriyoni amajana abiri na mirongo itanu (entre 200.000.000frbu et 250.000.000frbu).

Bimwe mubiciro vy’imodoka yo mubwoko bwa Toyota V8 mu mafaranga yamanyamerika twashoboye gukura kurubuga rwa Bforward .jp .

Twobibutsa ko Francine Niyonsaba ariwe munonotsi wa mbere w’umurundikazi  amaze gutwara imidari myinshi mu gusiganwa ,akaba amaze gutwara imidari 6 y’imijumbu hamwe n’imidari itatu y’inzahabu.

You may also like...