Ibimenyetso indwi vyerekana ko umukobwa agufitiye urukundo rudasanzwe.

Abahungu (Abasore) batari bake,akenshi usanga bafise amakenga kubo basanzwe bakundana kuburyo bamwe bibagora kumenya ko umuwobabwiye ko bakunda nawe abakunda.

Alexandre CORMONT,umuhinga muvyinyifato hamwe n’urukundo,mubushakashatsi yakoze kubigeme bari murukundomugitabo yanditse yise “Le Code de l’Amour”,arerekana ibimenyetso  indwi yerekana ko umukobwa(umwigeme) ari murukundo.

Isanamu yerekana abantu bari murukundo.

Ibi  nivyo bimenyetso indwi vyerekana ko umukobwa (umwigeme) canke umugore agufitiye urukundo rudasanzwe:

1.Ukwerekana umunezero udasanzwe.

Ikintu ca mbere cerekana ko umukobwa canke umupfasoni agufiseko urukundo rudasanzwe,nukwerekana umunezero udasanzwe mugihe aba ari kumwe nawe canke , bigashika ugasanga ariko aratwenga ubusa.

2. Ugushaka kugumana umwanya wose nawe.

Kwama ashaka kugumana nawe umwanya wose canke iyo uri kure yiwe akaguma ashaka kuza kukuraba canke kuguma aguhamagara kuri terefone yawe,nikimwe mubimenyetso bitabesha vyaewkana ko uwo mukobwa canke umugore agukunda bidasanzwe.

3. Kwama ashaka kugira ico avuze ku kintu cose uba uhejeje gukora akagutera intege.

Kimwe mubimenyetso simusiga vyerekana ko umukobwa canke umugore agufitiye urukundo rudasanzwe nuko mugihe cose uzokora ikintu azogira ico akivuzeko kandi ugasanga aragushigikira cane mubintu vyose ukoze mbere naho wokora ikosa aragerageza kukuvugira.

4. Mubintu vyose akora,agerageza kugushira imbere.

Ikindi kimenyetso kitabesha cerekana ko umukobwa canke umugore agufitiye urukundo rudasanzwe nuko mubintu vyose akora agerageza kugushira imbere,akama akuvuga iyo arikumwe n’abagenzi biwe,bigashika akavuga neza iyo arikumwe n’abavyeyi biwe canke akama ashaka ko mufatana urugendo murikumwe ahantu hatandukanye,na cane cane mu manza .

5. Agerageza kukwiyegereza ahantu atarinze kuraba kuruhande.

Ikimenyetso ca gatanu cerekana ko umukobwa canke umugore agufitiye urukundo rudasanzwe,nuko azogerageza kukwiyegereza ahantu hose atarinze kuraba kuruhande ndetse akaba ashobora nokwiyadukiza akagusomagura bidasanzwe atamvo nimwe bivuyeko kandi ivyo akaba yobikora naho mwoba muri mubantu benshi.

6. Agerageza kuguha agaciro akakwereka ko uruta abandi.

Kimwe mubimenyetso bitabesha vyerekana ko umukobwa canke umugore agufitiye urukundo rudasanzwe,nuko agerageza igihe cose kuguha agaciro ndetse akakwereka ko ari wewe uri kirumara mubuzima bwiwe,ugasanga akenshi aragerageza kugutandukanya akaguha agaciro gusumba abandi bahungu bose bagendanye mubuzima bwiwe,ikizobikwereka nuko igihe cose azokwama akubwirako usumba abndi bahungu bose bagendanye.

7. Agira ubwoba bwo kugutakaza.

Ikimenyetso canyuma gitangwa na Alexandre Cormont cerekana ko umukobwa agufiseko urukundo rudasanzwe,nuko agira ubwoba bwo kugutakaza,kenshi na kenshi iyo agushavuje agerageza guca bugufi no gusaba ikigongwe kugira ntubandanye ushavuye kuko aba atinya ko ushobora kumuheba.

You may also like...