Umugambi w’ibarabara ry’indarayi wari warananiye abatwaye uBurundi,Petero Nkurunziza agiye kuwushira mungiro.

Inyuma y’imyaka 57 igihugu c’uBurundi kimaze cikukiye,kuncuro ya mbere,kigiye kwironkera ibarabara ry’indarayi,itereni (Train).

Ivyo bikaba biri mumasezerano yabereye mugihugu ca Tanzaniya hagati y’ibihugu vy’uBurundi,repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo hamwe n’igihugu ca Tanzaniya kuruyu wa kabiri ,igenekerezo rya 3 Kigarama 2019.

Isanamu yerekana ibarabara ry’indarayi rigiye kubakwa ingene rizoba rimeze.

Ayo masezerano yokwubaka ibarabara ry’indarayi rihuza ibihugu vya Tanzaniya,uBurundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yateweko umukono n’abashikiranganji bivyo bihugu uko ari bitatu bajejwe ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu aho kuruhande rw’uBurundi hari haserutse Ir.Jean Bosco Ntunzwenimana.

Mugihe abashikiranganji bose b’ibihugu bitatu baribahejeje gutera umukono kumasezerano yokwubaka ibarabara ry’indarayi .

Isack Kamwelwe,umushikiranganji w’igihugu ca Tanzaniya,ajejwe ubushikiranganji bwogutwara abantu n’ibintu muri ico gihugu,yamenyesheje bagenzi bacu b’ikinyamakuru The East African ko ayo masezerano yateweko umukono inyuma yaho ishirahamwe ry’abahinga mubijanye no kwubaka ayo mabarabara Gulf Engineering Ltd ryerekaniye mucirwa c’intangamarara bakoze ko uwo mugambi wo kwubaka iryo barabara ushoboka.

Twobibutsa ko igice cambere co kwubaka iryo barabara ry’indarayi rizohera mugisagara ca Uvinza mugihugu ca Tanzaniya,rikazobandanya muntara ya Gitega riciye muri Musongati mugihugu c’uBurundi ndetse rikazobandanya gushika muburengero bw’igihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

You may also like...