Yagiranye ibibazo kenshi n’abagore none yahisemwo kwikorera mariage n’igipupe.

Umugabo asanzwe ari umukinyi wamareresi ndetse asanzwe ari n’umuhinga muguterura ivyuma bivyimvya umubiri yamuka mugihugu ca Kazakhistani,yaraye amenyesheje ko agiye gukora mariage n’igipupe c’ikigore.

Yuri Tolochko,niwe yaraye amenyesheje ko agiye gukora mariage n’igipupe c’ikigore kubera yabanye n’abagore batandukanye,ariko akaba atamahirwe yokugumana nabo yaronse kubera bamabagirana ibibazo bitandukanye.

Yuri yashize kuri Instagram ifoto abwira abakunzi biwe ko mariage yiwe na Marga irihafi.

Mukiganiro batanze kumboneshakure Comedy Club,yo mugihugu c’uburusiya,Yuri Tolochko hamwe nuwo mugeni wiwe w’igipupe yitwa Marga,bamenyesheje ko ivy’ubugeni vyabo ari ukuri ariko igenekerezo ubwo bugeni rizoberako bazorimenyesha hanyuma ndetse bagasaba abantu kuzobashigikira.

Nkuko bimenyeshwa n’ibimenyesha makuru vyo mugihugu ca Kazakhistan,Yuri Tolochko n’umukunzi wiwe Marga,bamaze amezi ashika umunani basohokana ndetse bakaba banavyerekana kumbugangurukana bumenyi kuko bamabashira amafoto yabo kurubuga rwabo rwa Instagram.

Isanamu Yuri yashize kuri Instagram amenyesha abakunzi biwe ko akunda igipupe Marga

Yuri Tolochko,yamenyesheje kumboneshakure Comedy Club ko yaheruka kurungika umukunzi wiwe Marga kubaganga babahinga mugukora umubiri,aho bamuhinduye bakamuha isura nziza kugira baze bakore ubugeni afise isura nziza cane.

You may also like...