Impamvu cumi nyamukuru zituma abubakanye batandukana (bahukana) kw’isi.

Mucirwa cakozwe n’abahinga batandukanye mubijanye n’imyifato hamwe n’ingo n’imibano bakorera ikigo Ooreka, co mugihugu c’ubufaransa,bamenyesha ko urugo rumwe kuri zitatu zisambuka inyuma yogukora ubugeni.

Abahinga ba Ooreka,baragiye hamwe bakora icigwa kugira barabirehamwe impamvu nyamukuru zikunze gutuma abubakanye batandukana kandi baba basezeranye  kubana ubuzima bwabo bwose.

Isanamu yerekana abubakanye bari mumpari.

Muri ubwo bushakashatsi,ikigo Ooreka cakoze mubihugu bitandukanye vyo kw’isi,abahinga bico kigo baratanze impamvu 10 zituma zigaruka mubihugu vyose zituma abubakanye batandukana:

  1. Ukurenga ibigo hagati y’abubakanye.

Imwe mumpamvu zikomeye cane ikunze gutuma abubakanye batandukana hakiri kare,nuko hibonekeza umwe murabo bubakanye arenga ibigo (aja mubusambanyi n’abandi bantu).Abahinga ba Ooreka,bavuga ko urugo rumwe kuri zitatu rusambuka kubera ukurenga ibigo.

2.Ukwikunda no kutitaho uwo mwubakanye.

Ikintu kigira kabiri abantu benshi batazi ariko kirimubituma ingo zitari nke zisambuka kw’isi,nuko hagati yabubakanye hibonekeza ukwikunda kumuntu umwe,ugasanga ntiyitaho uwo bubakanye.Iyi mpamvu ikunze kwibonekeza kubagabo aho usanga babikora mubutamenya ugasanga ntibagiha umwanya abapfasoni babo ivyo bigatuma bahitamwo kubabisa kuko baba babona ko batagikunzwe.

3.Ugufuha hagati y’abubakanye.

Muri ico cirwa cakozwe n’abahinga ba Ooreka,basanze ugufuha no kwikekana hagati y’abubakanye ari kimwe mubihanze ingo nyinshi kw’isi,aho basanze ko iyo abubakanye batakaje ukwizerana bakazana ukwikekana,urugo ruba rusambutse atakibuza.Abo bahinga baranatanga umuti kugira ivyo umuntu ashobore kuvyirinda,nuko umuntu wese yokwizera uwo bubakanye,akirinda kwama asaka ibintu vyiwe,kwama araba muri terefone yamugenziwe canke kwama ushaka kumwumviriza kuri terefone.

4.Ubunebwe,Ishavu,Isuku rike hagati y’abubakanye.

Kimwe mubikunze gusambura ingo,nuko uzobura ivyo waziga muri mugenzi wawe mwubakanye,akenshi iyo abantu bataratwarana haba hariho ibintu vyinshi bataramenyanamwo hagati yabo,akenshi usanga uwomwubakanye wamuzigamwo ubukerebutsi ariko ugasanga n’ikinebwe,wamuzigamwo ugutekereza ariko ugasanga arakaza agashavu,wamuzigamwo isuku kuko mwama mubonana yashajije ariko mwamara kubana ugasanga afise isuku rike,ivyo rero birageramiye ingo cane.

5.Ukutabona kazoza kurugo rwanyu cokimwe.

Ikintu kigira gatanu gituma ingo zisambuka,n’ukutabona kumwe kazoza kurugo rwanyu,ico abantu benshi baracirengagiza,aho mbere bamwe usanga bibazako bibeshe canke batubiye muguhitamwo uwo bubakanye mugihe umwe wese afise ihangiro ryiwe mubijanye n’ishusho aha urugo rwiwe.

6.Amahera (Amafaranga).

Iyo umwe mububakanye akoresha amahera munzira zitazwi n’uwobubakanye,canke ugasanga uwo mwubakanye aguma agira amadeni munzira zitaboneka,uwo mwubakanye ashobora kwibazako uyajana mubandi ivyo bigatuma ashobora kukubisa akigira canke akakwirukana.

7.Umuryango w’umuhungu canke w’umukobwa.

Umuryango umugabo avamwo canke umugore avamwo urashobora kuba intandaro yogutandukana hagati y’abubakanye mugihe bamwe mubagize iyo miryango baba bashaka kwisuka mubijanye n’urugo rw’abana babo,aho usanga bashaka kugucisha ubwenge canke bashaka kukwereka ko uwo mwubakanye agukorera amakosa menshi mugihe wewe atayo warusanzwe ubona,muri ico gihe urugo ruba rugiye mungorane zidasanzwe kuko abenshi bahereza gutahura ko ivyo babwiwe ari ukuri bagahitamwo kuvavanura nuwo bubakanye.

8.Ukubakana mukiri bato.

Iyo abakundana batwawe n’ibishobisho bagahitamwo gushinga urwabo bakiri bato,akenshi na kenshi bahereza gusambura iyo bahuye n’ibibazo murugo kuko umwe wese abona ko mugenziwe ariwe yakweze ivyo bibazo.

9.Imvo za poritike.

Ibice 8 kw’ijana vy’ingo zisambuka kubera imvo za poritike mugihe abubakanye usanga badahuza ivyiyumviro vya poritike,usanga akenshi bishika bakikekana canke bagakengerana,ivyo biabaviramwo gutandukana.

10.Akazi .

Naho abenshi batavyibaza,akazi kari mubituma abubakanye bashobora gutandukana mugihe umwe mububakanye bamurungitse gukorera kure y’uwundi,canke ugasanga umwe mububakanye yama afise akazi kenshi kuburyo bituma ataronka n’akanya ko kwitaho uwo bubakanye,ivyo bishobora gutuma batandukana.

You may also like...