Petero Buyoya avugako umurwi ujejwe ukuri no kurekuriranira womusanga iyo aba ukamukorako amatohoza.

Petero Buyoya,yahoze ari umukuru w’igihugu c’uBurundi incuro zibiri zose,amenyeshako umugwi CVR ujejwe ukuri no kurekuriranira womusanga iyo asanzwe akorera ukamukorerako amatohoza kubijanye nivyo bamwagiriza.

Mukiganiro yatanze kuri bagenzi bacu b’ikinyamakuru “Jeune Afrique”,Petero Buyoya yamenyesheje ko hamwe umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukurekuriranira wokenera kugira ico umubajije womusanga mugihugu ca Mali aho asanzwe ari mugikorwa c’intumwa idasanzwe y’ubumwe bwa Africa muri ico gihugu.

Petero Buyoya yarongoye uBurundi incuro zibiri abanje guhirika ubutegetsi.

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu c’uBurundi,amenyesha ko atabwoba afise bwokugaruka mugihugu c’uBurundi hamwe igihugu abayemwo cohitamwo kumutanga kubutungane bw’uBurundi kugira ashobore kwisigura kuvyo yagirizwa mw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye yahoze ari umukuru w’igihugu c’uBurundi.

Twobibutsa ko Petero Buyoya yagiye kubutegetsi incuro zibiri zose abanje guhirika ubutegetsi,ubwambere hari mu mwaka wa 1987 aho yahirika perezida Yohani Batista Bagaza,ubwakabiri hari mu mwaka wa 1996,aho yahirika perzida Sylvestre Ntibantunganya.

You may also like...