Umuhinga w’umurundi,mugutwenza,yashikirije Petero Nkurunziza agashimwe aherutse guhabwa na Radio RFI.

Michael Senganzi,umuhinga mugutwenza,yashikirije nyenicubahiro Petero Nkurunziza agashimwe aherutse guhabwa n’iradiyo y’abafaransa RFI gahabwa umunyafrica afise impano idasanzwe mugutwenza.

Abahinga batandukanye mugutwenza bongaha mugihugu c’uBurundi,bakaba baribagiye baherekeje mugenziwabo Michel Senganzi,aho twovuga Kigingi,Ildephonse,Mitima,Gasore  n’abandi batandukanye.

Abahinga mugutwenza bakiriwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Ako gashimwe gahabwa umunyafrica afise impano idasanzwe mugutwenza “PrixTalents du Rire”  kumwaka wa 2019,Michael Senganzi yagatoye kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 7 Kigarama 2019 mu gihugu ca Cote d’Ivoire mugisagara ca Abidja.

Mwijambo ryiwe,Michael Senganzi akaba yashimiye umukuru w’igihugu c’uBurundi Petero Nkurunziza kuba yashoboye kwakira ako gashimwe.

Michael Senganzi arikumwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

You may also like...