Wamwana akunda cane Bantu Bwoy,yakoreye surprise Big Fizzo na Double Jay aho bamwakira muri Bantu Bwoy Studio.

Umuririmvyi Double Jay Once Again,asanzwe ari umwe mubaririmvyi b’umurwi wa Bantu Bwoy wo mugisagara ca Bujumbura,yaraye amenyesheje ko wamwana asanzwe akunda bimwe biboneka uwo murwi baraye bamwakiriye muri studio za Bantu Bwoy.

Uwo mwana bakaba bamwakiriye inyuma yaho hari habonetse amasanamu y’ibirato vyiwe vya Yebo Yebo bishaje ,aho yariyanditseko ikimenyetso kiranga umurwi wa Bantu Bwoy hamwe n’amazina ya Big Fizzo na Double Jay.

Mugihe Big Fizzo na Double Jay bakira wamwana abakunda cane.

Mugihe bamwakira kuruyu wagatatu,igenekerezo rya 11 Kigarama 2019,munyubakwa za studio ya Bantu Bwoy uwo mwana yarabatangaje cane kuko basanzwe ari umukunzi adasanzwe w’umurwi wa Bantu Bwoy kuko basanze atanditse gusa kubirato vyiwe ibimenyetso biranga umurwi wa Bantu Bwoy,ahubwo basanze n’impuzu yari yambaye yarazanditseko ivyo bimenyetso mukugaragaza urukundo akunda uwo murwi.

Aho bakira wamwana basanze n’impuzu yiwe yarayanditseko ikimenyetso ca Bantu Bwoy hamwe n’amazina ya Big Fizzo na Double Jay.

Muri Bantu Bwoy bakaba baramuguriye utundi turato dushasha nkuko bari babimwemereye ariko bakaba bamumenyesheje ko agashimwe gahambaye bazokamuhera mugiteramo cuwo murwi  kizoba kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 14 Kigarama 2019,kuri Tokyo Business Center,hepfo y’isoko kwa Siyoni.

Amajambo yacishijwe n’umuririmvyi Double Jay kurubuga rwa Facebook.

You may also like...