Abarundikazi baba muri Canada ngwimbeho ibamereye nabi ngo basigaye bahiga abagabo nka kurya imbwa zikora uruhigi:amajwi

Bamwe mu barundikazi bari mu mahanga na cane cane mubasanzwe baba muri kimwe mu bihugu biri muri Amerika y’uburaruko na cane cane muri Canada barataka batakamba ko imbeho ibarembeje ndetse bamwe muribo bakamenyesha ko murico gihe c’imbeho umwe wese yarakwiye kuca aja guhiga umugabo kunguvu kugira amumare imbeho.

Mu masananu yiriwe aracanacanakoΒ  kumbuga ngurukana bumenyi na cane cane urubuga rwa Facebook ,umwe mu bakenyezi babarundi basanzwe baba mu gihugu ca Canada ,yabonetse ariko aridogera cane umwe mubakenyezi bagenziwe yamubwiye ko abakenyezi canke abigeme baba murico gihugu boba basigaye bironderera abagabo.

Amwe mu majambo adasanzwe yumvikanye uyu mukenyezi ariko aravuga harimwo ko mu gihugu ca Canada bageze mu bihe vy’imbehoΒ  idasanzwe (winter),aha rero ngo abakenyezi canke abigeme badafise abagabo bari bakwiye kubarondera hasi no hejuru abagabo babafasha kurwana n’iyi mbeho idasanzwe.

Icatangaje abantu cane murayo majwi n’uguhamagarira abakenyezi hamwe n’abakobwa kuja muruhigi rw’abagabo ngo nka kurya imbwa zija guhiga ndetse ngo uwufise n’imbwa aakayambika inzogera akaja mururwo ruhigi kuko imbeho imereye nabi abadafise abagabo muri , ico gihugu ca Canada.

Umviriza ngaho musi amajwiΒ  adasanzwe y’umkenyezi ahamagarira bagenziwe kuja muru higi rwabagabo.

You may also like...