Petero Nkurunziza yuguruye ishengero ryakarorero mu gisagara ca Bujumbura

Kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 kigarama 2019 ,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ,aherekejwe n’umukenyezi wiwe Denise Bucumi ,yuguruye inyubakwa idasanzwe y’ishengero rya Rocher mu gisagara ca Bujumbura.

Umukuru w’igihugu arikumwe n’umutambukanyi wiwe mu gihe bari bahjeje kwugurura kumugaragaro ishengero Rocher

Iyi nyubako yuguruwe n’umukuru w’igihugu iherereye mu gisagara ca Bujumbura muri Komine(commune) Mukaza muri zone ya Buyenzi ,iri shengero biboneka ko yubakishijwe ubuhinga budasanzwe hamwe n’ibikoresho bigezweho vya kijambere akaba ari naryo rizoca riba icicaro gikuru c’ishengero Rocher .

Inyuma yo kwugurura iri shengero umukuru wigihugu arikumwe n’umutambukanyi wiwe bakaba baciye bifadikanya n’abakirisu b’ishengero  Eglise du Rocher mu masengesho yo kwugurura iryo shengero kumugaragaro .

Raba musi mumafoto ubuhinga n’ubwiza bw’ishengero Rocher

 

You may also like...