Menya ibintu 7 bidasanzwe utaruzi kumodoka za gisirikare igihugu c’uBurundi giheruka kugura

Kw’igenekerezo rya 6 munyonyo 2019 ,niho hamenyekana ko reta y’uBurundi ,yaguze  ibiduga vya gisirikare vyo mu bwoko bwa burende (blinde)  bifise ubukomezi budasanzwe kuko bidava kuraswa n’inkoho iyariyo yose.

Ivyo biduga vyagisirikare biherutswe kugurwa na reta y’uBurundi,vyahawe abasirikare bagiye gufasha kugarukana amahoro n’umutekano mugihugu ca Somaliya mumugambi wa AMISOM(African Union Mission to Somalia ).

Ibi biduga bidasazwe bizwi kw’izina rya Cougar, izi modoka z’intambara zirafise ibintu zisangije ziziranga ugereranije n’izindi modoka z’intambara.

Imiduga y’ingwano ya Cougar kw’ifoto

Ibi nibimwe mubintu bidasanzwe izo burende (blinde) zo mubwoko bwa cougar ziherutse kugurwa na reta y’uBurundi zisangije:

  1. Ntizitegwa ikirwanisho co mubwoko bwa Mine.

Kimwe mubintu bidasanzwe burende (blinde) yo mubwoko bwa Cougar yisangije,nuko yakoranywe ubushobozi budasanzwe kuko idashobora gusamburwa n’ikirwanisho co mubwoko bwa Mine,nukuvugako ishobora guhonyora kuri mine igaturika ariko abasirikare bari muri iyo burende ntihagire ikintu na kimwe baba.

2.Urusase urwarirwo rwose ntanakimwe rushobora kuyigira.

Ikindi kintu kidasanzwe blinde yo mubwoko bwa cougar ifise nuko ari ikiduga c’intambara kidashobora kuraswa n’urusase urwarirwo rwose,naho yoba ari rocket ntanakimwe ishobora kuyigira kubera ubukomezi bayikoranye,nukuvugako iyo uri muri iyo burende umutekano wawe uba ukwiye bihagije.

3.Ishobora gutwara abasirikare batari bake n’ibindi bikoresho vya gisirikare bitari bike.

Iyo burende (blinde),yo mubwiko bwa cougar,ishobora gutwara abasirikare bari hagati ya 10 na 16 kurugamba kandi bakagenda bafise n’ibikoresho bikwiye,ndetse bakagenda biyugaranye kandi ntihagire umusirikare numwe agira ikibazo co guhema kuko yakoranywe ubuhinga budasanzwe,bwogutanga impwemu dukoresha muguhema mugihe abayirimwo baba biyugaranye.

4.Ishobora kugenda ahantu hose.

Bumwe mubuhinga blinde yo mubwoko bwa cougar yisangije,nuko ishobora kugenda ahantu hose,haba mumisozi,mubugararwa,ndetse nahantu hasanzwe hari amazi iragenda kuko ntishobora gushaya.

5.Ibihugu 4 gusa vya Africa nivyo  vyashoboye kugura izi modoka z’intambara zidasanzwe 

K’umugabane wa Africa izi modoka z’intambara ntizifiswe n’ibihugu vy’inshi kuko kurutonde rwerekanwa n’ibiro vya CAI (The Central Intelligence Agency )haboneka ibihugu bine gusa muri Africa vyashoboye kugura izi modoka.

ivyo bihugu akaba ari :

  1. Burundi
  2. Djibouti
  3. Maroc
  4. Uganda

6.Ikiguzi c’izi  Modoka zintambara ntigisanzwe.

Izi modoka zo u bwoko bwa Cougar ziri muri zimwe mu mamodoka y’intambara azimvye cane ari naco gituma ibihugu vyinshi bitinya kuzigura,nkuko vyerekanwa n’urubuga wikipedia ,iyi modoka isanzwe iri igura amahera yamanyamerika angana na $ 475,000 ,aya akaba arenga 874,000,000 Fbu.

7.Izi Modoka zabaye bitumwako mu  ngwano zidasanzwe 

Cougar n’imwe mu modoka igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika ,gikunda na cane cane iyo hageze intambara yo kurwanira hasi (kubutaka).

Iyi modoka yifashishijwe mu ntambara zidasanzwe n’igisirikare ca Amerika ,mu myaka dusize inyuma na cane cane mu Ntambara bagiye bagwana mu bihugu birimwo abihevyi benshi.

Intambara zidasanzwe iyi modoka yifashishijwe ni:

  1. Intambara yo muri Iraq( yo mu mwaka wa 2003 ,iyi ikaba arimwe mu  ntambara zidasanzwe reta zunze ubumwe za Amerika yakoze mu bihugu vya Asia .
  2. Operation Enduring Freedom iyi yari intambara yo mu gihugu ca Adghanistan ,yatanguye kw’igenekerezo ry’indwi gitugutu 2001 gushika mu mwaka wa 2014

  3. Intambara yo muri Ukraine yiswe “war of Donbass”
  4. Intambara yo muri Lybia yiswe “Lybian Civil War “yo mu mwaka wa  2014 .

Raba musi amafoto yerekana izi modoka igihugu c’uBurundi caguze zo mu bwoko bwa Cougar

Ibiduga vya burende vyahawe abasirikare b’abarundi i Somalie

Fyonda ngaha ubandanye uronka amakuru yacu kuri Facebook

You may also like...