Ivyo utaruzi kw’ifi yo mubwoko bwa Thomson isigaye ikunzwe cane mugisagara ca Bujumbura.

Inyuma yaho umukeke utangiye kubura kumasoko atandukanye yo mugisagara ca Bujumbura no muntara hagati,haciye hatangura kwibonekeza iyindi fi igomba kumera nk’umukeke ndetse ikaba yarakunzwe n’abantu batari bake.

Iyi fi ya Thomson,n’ifi ikunze kuboneka mw’ibahari rya Mer Mediterane,Mer Noir no munyanja ya Atlantique(Ocean Atlantique),ndetse ikaba ikunze kurobwa na cane cane mukwezi kwa Ntwarante gushika mukwezi kwa Rusama.

Isanamu yerekana ifi zo mubwoko bwa Thomson.

Thomson kugira ishobore gushika mubihugu bitandukanye igikomeye,bayibika muma frigo yabigenewe kugira zizomare igihe kirekire zigikomeye.

Ifi ya Thomso,isanzwe isangiye umuryango n’ayandi mafi atandukanye,ariko iyo bisangiye umuryango wahafi n’ifi yo mubwoko bwa Thon nayonyene isanzwe iboneka akenshi muri ocean atlantique.

Bimwe mubituma iyo fi yo mubwoko bwa Thomson ifungurwa mubihugu bitandukanye nuko ifise ingaburo idasanzwe ya Omega 3,ikaba kandi ifise Vitamine D hamwe na Vitamine B.

Thomson,isanzwe kandi ifise ingaburo yomubwoko bwa Fer kandi ikaba itanga na Protein kumuntu wese ayifunguye.

Kimwe mubituma abantu benshi bakunda kuyifungura,nikubera ifise umusoso munini kandi ikagira amahwa make.

Thomson naho abantu benshi bayikunda,abahinga mubijanye n’ibifungurwa bavuga ko ifise ibinure vyinshi,bagasaba abantu basanzwe bavyibushe cane kuyifungura nka rimwe mundwi.

Twobibutsako iyo fi yomubwoko bwa Thomson,itegurwa munzira zitandukanye,umuntu ashobora kuyiteka mumazi,kuyotsa canke kuyumisha n’amavuta.

You may also like...