Reverien Ndikuriyo, yatunze urutoke BUCECO ,amenyesha kwiri mubituma amabarabara abomagurika :umviriza amajwi

Munama yahuje abashingamateka bose hamwe n’abakenguzamateka bose mugihe umutumire yari Gaston Sindimwo,icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’uBurundi,umukuru w’Inama Nkenguzamateka Hon.Reverien Ndikuriyo ,yagize ico avuga kukibazo c’isima ya BUCECO.

Mugihe Hon.Reverien Ndikuriyo,umukuru w’Inama Nshingamateka  yafata ijambo,yerekanye amakenga adasanzwe aho yavuzeko adatahura igituma isima ikorerwa mugihugu c’uBurundi n’ishirahamwe BUCECO,ariyo izimvye gusumvya isima iva hanze y’igihugu.

Hon.Reverien Ndikuriyo,umukuru w’Inama Nkenguzamateka.

Kubwa Hon.Reverien Ndikuriyo,umukuru w’Inama Nkenguzamateka,yamenyesheje ko atabona akamaro iryoshirahamwe ryoba ryarazanye mugihugu mugihe isima yabo izimvye gusumba iyizanana mubihugu vyohanze.

Hon.Reverien Ndikuriyo akaba yamenyesheje ko ibimodoka bizana ivyo bakoramwo isima mw’ihinguriro rya BUCECO vyoba arivyo biriko birahomagura ibarabara rya Nyamitanga-Ruhwa,kubwiwe,igihugu ntaco kiriko kirunguka kuri iryo hinguriro rya BUCECO kiretse kuhahombera.

Umviriza amajwi ngaha musi

 

You may also like...