Menya vyinshi kumubonano wahuje Gen.de Brigade Richard Banyankimbona n’uwurongoye reta ya Hirshabelle mugihugu ca Somalie.

Gen.de Brigade,Richard Banyankimbona,arongoye ingabo z’igisirikare c’uBurundi mugihugu ca Somaliya,yarahamwe umubonano n’umukuru wa reta ya Hirshabelle yo muri ico gihugu,ndetse bakaba baraganiriye ibitari bike.

Uwo mubonano ukaba wabaye kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 17 Kigarama 2019,hagati ya Gen.de Brigade,Richard Banyankimbona,asanzwe arongoye ingabo z’uBurundi zagiye mugihugu ca Somaliya mumugambi wa AMISOM,na Mohamed Abdi ware asanzwe arongoye reta yigenga ya Hirshabelle muri ico gihugu ca Somaliya.

Mugihe Gen.de Brigade Richard Banyankimbona yariko araganira n’uwurongoye reta Hirshabelle.

Bimwe muvyo bashoboye kuyaga,harimwo,ibijanye n’ingene umutekano wifashe muri ico gisagara,ndetse bakaba baremeranije ko ingabo z’uBurundi zafashije bimwe biboneka kugira umutekano ushobore kugaruka muri iyo ntara ya Hirshabelle,ndetse bakaba baraganiriye kubijanye n’imigambi ingabo z’uBurundi zobandanya zikora muntumbero yo gufasha mu mibereho y’abanyagihugu bico gihugu.

Mugihe umubonano wariko urahuza abaserukiye ingabo z’uBurundi n’uwurongoye reta ya Hirshabelle warurangiye.

Ikibazo kijanye n’ingabo 1000 z’igisirikare c’uBurundi zapungujwe muri uwo mugambi mukwezi kwa Ruhuhuma 2019,caragarutsweko,aho Gen.de Brigade Richard Banyankimbona yamenyesheje ko kubona abasirikare b’uBurundi aribo bapunguzwa bonyene habayemwo akarenganyo ndetse bikaba vyatumye ibikorwa bimwe vyo kurubuga bitashoboye kubandanya bigenda neza kungabo z’uBurundi.

Twobibutsako ,inyuma yuwo mubonano,Gen.de Brigade Richard Banyankimbona yahaye akaganuke Mohamed Abdi Ware, umukuru wareta ya Hirshabelle kagizwe n’icayi c’iBurundi .

Mugihe Gen.de Brigade Richard Banyankimbona yashikiriza akaganuke k’icayi c’iBurundi Mohamed Abdi Ware.

Mwomenyako,intara ya Hirshabelle,iri mumajahagati ashira ubumanuko mugihugu ca Somaliya,ariko ikaba isanzwe yigenga kuko ifise inzego zayo kuva kumukuru w’igihugu ndetse ikagira n’umurwa mukuru wayo Jowhar.

You may also like...