Urwanda na Uganda babandanya kurabana ayingwe ,kumupaka hasigaye hameze nko muri Korea yaruguru .

Kumbuga ngurukana bumenyi na cane cane urwa Facebook hiriwe haracanacanako ifoto yerekana abajejwe umutekano (Police) bo kuruhande rwa Uganda bafashe inkoho basa nabiteguye ,banarikanuye  ,ndetse no kurundi ruhande nyene hari abajejwe umutekano w’igihugu c’uRwanda nabo bafashe inkoho ubona biteguye .

Iyi foto yerekana neza ko aba bose basa nabarikanuye ndetse naho basanzwe bahana urubibe ko umwe wese aguma yiteguriye mugenziwe nkaho umwanya n’umwanya hashobora kuba iki.

Iyi foto yatumye abantu benshi batanga ivyiyumviro vyabo kumbuga ngurukana bumenyi  ndetse benshi  batangura kuvuga ko umubano w’ibi bihugu bibiri ,uRwanda na Uganda atameze neza na gato ndetse ko biboneka ko hari ikitagenda neza hagati yibi bihugu bibiri.

Umwe mubagize ico bavuga kuriyo sanamu yagize ati “Urebye iyi photo wakeka ko ari muri Koreya ya ruguru ihanganye na Koreya yepfo, reka da ni polisi ya Uganda n’u Rwanda kumbibi zibihugu byombi, isasu rimwe gusa rishobora guhindura amateka.”

Tubitutse ko iyi sanamu yafatiwe k’umupaka w’uRwanda na Uganda ahasanzwe hazwi nka Nyagatare ahamaze imisi harasirwa abanyarwanda ndetse nabaganda bashaka kwijira murivyo bihugu canke bashaka gusohoka

You may also like...