Inkoko muguhona zicudika n’ibisiga,uwo n’umugani Petero Nkurunziza yaciriye abasirikare n’abapolisi.

Inkoko muguhona zicudika n’ibisiga,uwo n’umugani nyenicubahiro  Petero Nkurunziza,umukuru w’igihugu c’uBurundi yaciriye abagize inzego za gisirikare hamwe n’abagize inzego z’igipolisi.

Ivyo nyenicubahiro Petero Nkurunziza,akaba yabivugiye muntara ya Gitega,kuruyu wa Gatanu,igenekerezo rya 20 Kigarama 2019,mubirori vyo kwipfurizanya umwaka mushasha n’abagize inzego z’ukwivuna abansi hamwe nizijejwe gucungera umutekano no gukinga ibiza.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aho yashika ahariko harabera ibirori.

Mwijambo ryiwe,Sebarundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza,yamenyesheje inzego zijejwe ukwivuna abansi no gucungera umutekano ko ari umusi udasanzwe kuri we,kubera ko arico kirori canyuma ciwe cokwipfurizanya umwaka mushasha n’inzego zijejwe umutekano hamwe n’inzego zijejwe ukwivuna abansi.

Bamwe mubagize inzego z’umutekano no kwivuna abansi baribitavye ibirori vyo kwipfuriza umwaka mushasha umukuru w’igihugu

Kubwa nyenicubahiro Petero Nkurunziza,umukuru w’igihugu c’uBurundi,”n’ivyiteka ntangere kuba yarashoboye gukorana ibikorwa vyiza n’inzego zokwivuna abansi hamwe nizijejwe umutekano.”

Mugusozera ijambo ryiwe,umukuru w’igihugu c’uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza yasavye inzego zo kwivuna abansi hamwe n’inzego zijejwe ugucungera umutekano no gukinga ibiza kuzokubaha no kugamburukira umukuru w’igihugu azomusubirira.

Abanyecubahiro batandukanye baribitavye ibirori vyo kwipfuriza umukuru w’igihugu umwaka mushasha.

Twobibutsako,nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’uBurundi Petero Nkurunziza yahaye amanota agera kubice 97 kwijana (97%),abagize inzego zokwivuna abansi nogucungera umutekano yihweje ibikorwa vyiza bashoboye gukorera igihugu c’uBurundi kuva ashitse kubutegetsi mu mwaka wa 2005.

 

You may also like...