Sentare yategetse reta gushumbusha abakobwa bafashwe barafungwa bazira gukora umwuga w’ubumaraya.

Mugihugu ca Nigeriya,sentare nkuru yo mugisagara ca Abuja,yategetse reta yico gihugu guha indishi y’akababaro abigeme bafaswe n’igipolisi babahora gukora ubumaraya.

Murubanza rwaciwe kuruyu wa kane,igenekerezo rya 19 Kigarama 2019 na sentare nkuru y’igisagara ca Abuja mugihugu ca Nigeriya,iyo sentare yasabiye abigeme 16 indishi y’akababaro mugihe baribamaze imisi bafunzwe bagirizwa gukora ubumaraya.

Isanamu yerekana abakobwa basanzwe bakora umwuga w’ubumaraya.

Abo bigeme bakaba baribamaze imyaka ibiri yose bafunzwe,kuko bari bafashwe mu mwaka wa 2017 n’igipolisi kibasanze mumihana iwabo kibagiriza gukora ubumaraya n’abagabo batandukanye.

Binta Nyako,umwe mubacamanza ba sentare nkuru yomugisagara ca Abuja,yamenyesheje ko mugihugu ca Nigeriya atategeko narimwe rihari rihana abantu bakora umwuga w’ubumaraya,kubwivyo,inzego z’igipolisi zarakoze amakosa mugufata no gufunga abo bakobwa ndetse akaba yaciye agirako abasabira indishi y’akababaro kubera igihe kingana uko cose bari mumvuto.

Twobibutsako,ikibazo c’ifunga n’ifungurwa ryabo bigeme bagirijwe gukora ubumaraya kidahurizwako n’abasanzwe barize ibijanye n’amategeko muri ico gihugu,ndetse bigashobora gutuma amategeko muri ico gihugu asubirwamwo.

You may also like...