Sat-B yagize ico avuga,inyuma yaho Yemi Alade amenyeshereje ko atakije guteramisha abarundi.

Umuririmvyi w’igihangange muri RnB, Bizimana Aboubakar Karume,asanzwe amenyerewe kumazina ya Sat-B mu muziki w’iBurundi,yagize ico ashikiriza,inyuma yaho umuririmvyi Yemi Alade amenyeshereje ko atakije guteramisha abarundi mugiteramo yariyamenyesheje.

Isanamu yerekana umuririmvyi Sat-B

Abicishije kurubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa Twitter,umuririmvyi Sat-B,yavuze ko abantu bamwe bamwe bafata igihugu c’uBurundi nk’igikinisho,ndetse akaba yasavye ko ingingo zofatwa.

Kubwa Sat-B,burya n’abaririmvyi b’abarundi barafise indoto yokuzobakorera ivyo mushakako abanyamahanga babakorera,barashoboye,ndetse akaba yaciye atumira abakunzi biwe ko bokwitaba igiteramo ciwe yise Indoto Festival gitegekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 1 Nzero 2020.

Amajambo yavuzwe n’umuririmvyi Sat-B,abicishije kuri Twitter.

Twobibutsa ko,umuririmvyi Yemi Alade,ava mugihugu ca Nigeriya,ndetse akaba arumwe mubaririmvyi babakobwa bakomeye cane kumugabane wa Africa,yamenyesheje kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 20 Kigarama 2019,ko atakije guteramisha abarundi mugiteramo carigitegekanijwe kw’igenekerezo rya 28 Kigarama mugisagara ca Bujumbura.

Amajambo yanditswe na Yemi Alade,amenyesha ko atakije guteramisha abarundi.

Zimwe mumvo yatanze akaba aruko abariko barategura ico giteramo yasanze ari aba Escrocs,ndetse akaba yasavye abarundi kutagura amatike kuko bazoba bariko baribwa.

You may also like...