Uru n’urutonde rw’ibihugu 30 vya mbere bifise demokarasi ikwiye kw’isi.

Uko umwaka uheze,ikigo The Economist Group, kirashira ahabona ingene ibihugu vyo kw’isi bigenda birasumbasumbana mubijanye n’intwaro rusangi (democratie).

Ico kigo The Economist Group cashizweho mu mwaka wa 2006,ndetse kikaba carashizeho igipimo bise “Indice de democratie”,gifasha mukwegeranya ibiharuro bituma ibihugu bimenyekana ingene bisumbasumbana mubijanye no kwishira no kwizana (democratie).

Kuva mu mwaka wa 2006 gushika mu mwaka wa 2018,icokigo cagiye kirasohora intonde zitandukanye zerekana ingene ibihugu bigenda birasumbana mubijanye na demokarasi.

Ariko,igitangaje cane,nuko ibihugu vyose vya rutura bitaza ubwambere mubihugu bifise demokarasi ikwiye kandi arivyo vyama biriko birigisha ibihugu vyo kumugabane wa Africa ko bitegerezwa kugendera munzira ya demokarasi,igihugu ca Norvege nico kiza ubwambere mubihugu bifise demokarasi,kigakurikirwa n’igihugu ca Iceland na Sweden.

Uru nirwo rutonde rw’ibihugu 30 bisumvya ibindi mubijanye n’inzira ya demokarasi mu mwaka wa 2018.

Urutonde rw’ibihugu 30 bifise demokarasi gusumba ibindi kwisi.

Kuri urwo rutonde ibihugu 3 nivyo vyashoboye guserukira umugabane wa Africa mubihugu birimwo demokarasi gusumba ibindi kw’isi yose,navyo akaba ari igihugu ca Ile Maurice kiza mukibanza ca 17,Cap Vert kiza mukibanza ca 26 hamwe na Botswana kiza mukibanza ca 28.

Twobibutsako,ibihugu nka Tchad,RDC,Centrafrica,Syriya,Koreya ya ruguru biza mubihugu vyanyuma mubihugu bifise demokarasi,aho bifatwa nk’ibihugu abayobozi babo batwaza umukazo.

You may also like...