Uyu niwe mugabo yatowe nkuwufise ubwiza burengeje ,kurusha abandi bagabo bose kw’isi.

kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 24 kigarama 2019  twabatohereje inkuru  y’umugaabo wambere kwisi afise ubwiza burengeje kurusha abandi bagabo bose bo kw’isi.

Naho bitamenyerewe cane ngaha iwacu mu gihugu c’uburundi, mubihugu biteye imbere vya buraya no muri reta zunze ubumwe za  Amerika,barakora amahiganwa y’abagabo bafise ubwiza kurusha abandi.

George Clooney yavukiye mu gisagara ca Lexington, akaba afise imyaka mirongo itanu n’umunani (58), akaba afise uburebure bw’imetero imwe na santimetero mirongo umunani(1m 80), niwe mugabo mugabo afise ubwiza burengeje kurusha abandi bagabo kw’isi.

Mubushakashatsi bwakozwe na Julian de Silva ,asanzwe ari umuhinga muvyo kuraba ubwiza bw’abantu akongera akaba umuyobozi w’ikigo The Centre of Facial Cosmetic Surgery mu gihugu c’ubwongereza ,bwerekanye ko  uyu mugabo ariwe mwiza kurusha abandi bagabo bose kw’isi ndetse akaba aza imbere y’ibindi bihangange vyinshi nka Bradley Cooper,  Brad Pitt na David Beckham.Uyu mugabo rero akaba yatowe kuko ishusho yiwe yegereye cane iyibigirwamana vy’abagiriki.

George Clooney umugabo yatowe ko afise ubwiza kurusha abandi kwisi.

Tobibutsa ko uy’umugabo asanzwe aba muri Leta zunze ubumwe za America, afise ubwiza bwo kumubiri butangaje cane, kuburyo yama yipfuzwa n’abagore benshi cane. Uyu mugabo akaba yavutse kw’igenekerezo rya 5 Rusama 1961, akaba asanzwe arumukinyi w’amareresi akomeye muri Hollywood.

George Clooney yatowe nk’umugabo mwiza kurusha abandi

You may also like...