Aya niyo mahoteri 10 yambere azimvye cane mugisagara ca Bujumbura ,mukuyararamwo ijoro rimwe .

Mugisagara ca Bujumbura haribonekeza amazu y’ingenzi (amahoteri) kumbwinshi,ndetse ariko ayo mazu ibiciro vyayo bigenda biratandukana bivanye naho iba iherereye canke n’ibindi bintu bihakorerwa.

Uyumusi twabahitiyemwo kubatohoreza amahoteri cumi (10),ari mugisagara ca Bujumbura afise ibiciro biri hejuru gusumba ayandi.

1.Kiriri Garden Hotel.

Kiriri Garden Hotel,niyo hotel ya mbere ifise ubwiza budasanzwe, ndetse ikaba ari nayo yambere izimvye gusumba izindi mugisagara ca Bujumbura kuko kugira ushobore kuyiruhukiramwo ijoro rimwe gusa uriha amadorare y’abanyamerika ashika 240 (240$).Iyo hoteri ikaba yubatse muri quartier ya Kiriri,ifise parking (aho bahagarika imiduga), ikagira na piscine nziza,ndetse uwuharaye wese aba afise n’uburenganzira bwo gutembera muri jardin yaho,ivyumba vyose birafise climatisation,television ya ecran plat uraba imirongo wipfuza,restaurant yaho ikora amasaha 24 kuri 24.

Isanamu yerekana aho bafungurira hejuru bitegereza igisagara ca Bujumbura cose muri Kiriri Garden hotel.

 2.Hotel Club du Lac Tanganyika.

Imwe muma hotel meza kandi azimvye,kuko kugira ushobore kuyiraramwo ubanza kuriha amadorare y’abanyamerika ashika 190 (190$) kw’ijoro rimwe gusa, ni Hotel Club du Lac Tanganyika,isanzwe yubatswe impande y’ikiyaga ca Tanganyika muri quartier ya Kajaga mugisagara ca Bujumbura,kw’ibarabara  Chausse d’Uvira rija mugatumba.Ivyumba vyose bigize iyo hotel birafise climatisation kandi bikagira na television ifise ecran plat ushobora kuraba imirongo yose wipfuza.Bimwe mubituma ingenzi mvamakungu zihurumbira iyo hoteri ,n’imfungurwa zaho hamwe n’akayaga kava mukiyaga ca Tanganyika.

Isanamu yerekana Hotel Club du Lac Tanganyika uhagaze impande ya Piscine kunkengera z’ikiyaga Tanganyika.

3.Rocca Golf Hotel.

Roca Golf Hotel,yubatse mugisagara ca Bujumbura,kw’ibarabara avenue de la Tanzanie,urenganye gato hotel Source du Nilnimwe mu mahoteri asanzwe azimvye mugisagara ca Bujumbura kuko kugira ushobore kuyiraramwo uriha amadorare y’abanyamerika ashika 165 (165$).Muri iyo hotel ifise ubwiza budasanzwe,uwuharaye arara mucumba ciza cane gifise climatisation hamwe na television kuburyo uraba umurongo wipfuza,bakra amasaha 24 kuri 24 kandi hari na piscine kubipfuza kwoga,imfungurwa zaho zifise akanovera kadasanzwe.

Isanamu yerekana ihoteri Rocca Golf Hotel .

4.Hotel Belair Residence.

Hotel Belair Residence,nimwe muma hotel ashajije igisagara ca Bujumbura,iherereye muri quartier ya Kiriri, ndetse ikaba ari imwe mumahoteri asanzwe azimvye cane mugisagara ca Bujumbura,mukugira ushobore kurara muri iyo hoteri,ingenzi ibanza kuriha amadorare y’abanyamerika ashika ku 135 (135$),mw’ijoro rimwe gusa.Iyo hoteri ifise ivyumba vyiza cane  birimwo climatisation,ndetse ikagira n’ikibanza abana bakiniramwo .

Isanamu yerekana Belair Hotel Residence uyihagaze imbere,impande ya Piscine

5.Le Panoramique Hotel.

Le Panoramique Hotel,imwe muma hotel yibonekeza hagati  mugisagara ca Bujumbura,kubera uburebure bwayo,iherereye muri zone ya Rohero ,kw’ibarabara ryitiriwe JRR,nimwe mu mahoteri asanzwe afise ibiciro birihejuru gusumba izindi,kuko kugira ushobore kurara muri iyo hoteri utegerezwa kubanza kuriha amadorare y’abanyamerika ashika 130 (130$).Iyo hoteri ifise ivyumba vyokuraramwo bifise climatisation,ndetse bakaguha na conexion ya Wi-fi kubuntu.

Isanamu yerekana Hotel Panoramique,uhagaze impande ya Piscine yayo.

6.Martha Hotel.

Martha Hotel imwe mumahoteri afise ubwiza budasanzwe  iherereye hagati mugisagara ca Bujumbura muri zone ya Rohero,kw’ibarabara rya Chaussee Prince Louis Rwagasore,n’imwe mumahoteri ahurumbiwe n’ingenzi cane ariko kugira ushobore kuyiraramwo ijoro rimwe gusa ubanza ukariha amadorare y’abanyamerika ashika 120 (120$).Muri iyo hoteri hariho piscine,conexion ya Wi-fi yo kubuntu.

Isanamu yerekana ihoteri Martha Hotel uhagaze imbere hayo.

 7.Hotel de la Palmeraie.

Hotel de la Palmeraie,imwe mumahoteri afise ubwiza budasanzwe ,iherereye muri zone ya Kinindo,mugisagara ca Bujumbura,n’imwe mumahoteri akunzwe cane kugenderwa n’ingenzi zitandukanye harimwo namvamakungu,kubera iri muri quartier ya VIP,ariko kugira ushobore kurara muri iyo hoteri ijoro rimwe gusa uriha amadorare y’abanyamerika 110 (110$).Iyo hoteri ifise ivyumba vyiza kandi bifise climatisation,eka mbere n’abipfuza kwoga piscine irahari kubwanyu.

Isanamu yerekana Hotel de la Palmeraie uhagaze hagati y’ikibanza cayo,impande ya Piscine.

8.City Hill Hotel.

Imwe mu ma hotel afise ubwiza budasanzwe mugisagara ca Bujumbura,ni City Hill Hotel,ihereye muri zone ya Rohero kuri Boulevard du 28 Novembre,n’imwe mumahoteri azimvye cane ari mugisagara ca Bujumubura kuko kugira ushobore kuyiraramwo ijoro rimwe gusa ubanza kuriha amadorare y’abanyamerika ashika 90 (90$). Iyo hoteri irafise piscine,parking,Wi-fi yagusa hamwe n’ivyumba vyiza bifise climatisation.

Isanamu yerekana City Hill Hotel indani hayo.

9.Botanika Hotel.

Botanika Hotel,imwe mumahoteri ari hagati mugisagara ca Bujumbura,kw’ibarabara ryitiriwe umugambwe Uprona,iza kurutonde rw’amahoteri cumi azimvye cane mugisagara ca Bujumbura kuko kugira ingenzi ishobore kuyiraramwo ijoro rimwe gusa ibanza kuriha amadorare y’abanyamerika 90 (90$). Iyo hoteri ikaba ifise ivyumba birimwo climatisation,ndetse uwahatembereye araronka conexion ya Wi-fi yo kubuntu,ndetse na parking y’imodoka ni kubuntu.

Isanamu yerekana ikibanza bafunguriramwo muri Botanika Hotel.

10.Hotel Safari Gate.

Imwe mumahoteri ashajije igisagara ca Bujumbura,ni Hotel Safari Gate,ihereye muri zone ya Kinindo,kw’ibarabara avenue du Large muri quartier ya Kabondo,ikaba ari imwe mumahoteri azimvye cane mugisagara ca Bujumbura kuko kugira ingenzi ishobore kurara ijoro rimwe muri iyo hoteri ibanza kuriha amadorare y’abanyamerika ashika kuri 80 (80$).Kimwe mubituma iyo hoteri ihurumbirwa n’ingenzi cane nuko yegerye ikiyaga Tanganyika .

Isanamu yerekana Hotel Safari Gate uhagaze imbere yayo.

You may also like...