Muriki gihugu ca Africa ugiyemwo ukabona abantu bane ,umwe muribo aba arwaye umugera wa Sida.

Mu gihe umugera wa HIV(e virus de l’immunodéficience humaine) ,SIDA(Le syndrome d’immunodéficience acquise) usanzwe uri mu ngwara zitikiza iganda kw’isi mu kwica abantu benshi na cane kumugabane wa Africa ,hari bimwe mu bihugu vya Africa bsanzwe bigeramiwe cane ,

Mu matohozwa yakozwe n’ishirahamwe rijejwe kuraba ibijanye n’amagara y’abantu kw’isi OMS (Organisation mondiale de la santé) iri shirahamwe ryakoze ivyigwa n’ubushakashatsi bw’imbitse kurwara ya HIV,SIDA ,basanze hari kimwe mu gihugu ca Africa gisanzwe gifise 1/4 c’abanyagihugu bafashwe n’uyu mugera wa SIDA.

Abana bo murico gihugu bafashe urugamba rwo kuranya ico kiza ca SIDA.

Nkuko vyatangajwe na OMS (Organisation mondiale de la santé) mu cegeranyo c’umwaka wa 2018 kuvyerekeye umugera wa SIDA ,igihugu ca Lesetho gisanzwe kiri mu bumanuko bwa Africa nico kiza imbere mu kugira abanyagihugu benshi barwaye umugera wa SIDA ,haba kw’isi yose no muri Africa.

Iki cegeranyo cerekanye neza ko ibice 25% vyabanyagihugu bico gihugu basanzwe bagendana umugera wa SIDA ,mugihe abagera kuri 200,000 ari impfuvyi kubera ico kiza ca SIDA kiri murico gihugu.

Tubibutse ko iki gihugu ca Lesotho ,gisanzwe gifise abanyagihugu bashika kuri 2.200.000 ,muraba abarenga ibihumbi amajana atanu na mirongitanu  550.000 bakaba basanzwe bagendana umugera wa SIDA

You may also like...