Umugabo wanje aramvanga mfise n’imbanyi iri hafi kuvuka ,nkoriki ??

Umwe mu basanzwe badukurikira yatwandikiye agira ati”

Mfise umugabo ,tumaze amazi 9 twubatse imbere yamategeko ,igihe twubaka wari umunezero mu muryango no kuri twebwe ariko ubu ivyo nibaza ko binzomviramwo umunezero bisa nibiriko birahinduka umubabaro kandi mbona tumaranye akanya gato .

Mugihe camezi 9 tumaranye ,nagize amahigwe Imana irampezagira ndibungenga ,imbanyi imaze amezi 7 ,ubu ndakuriwe ndetse nari ngeze mu gihe co kwitabwaho biboneka ariko umugabo wanje mbona umengo ntanyitayeho na gatoya !!

Iyo hageze muri weekend aca agenda mu butambiro (night club ) zo ngaha iBujumbura akagaruka kumusi w’Imana kumugoroba !!
Iyo misi yose amara mugahinga simba nzi iyo yaraye ,ngerageje kumubaza kenshi abwira kwaba yaraye kubagenzi biwe basanzwe bakorana

Kandanda hoho muri weekend iheze yatashe kumusi wa gatandatu aza atahukanye numwigeme bikinoneka kwakiri muto ,nishwe n’isoni nagahinda mbura ico mvuga ,gushika nubu narase kwongera kumuvugisha kuko ivyo yankoreye vyatumye mbura ico nvuga nico mfata.

Gusa mumutima wanje nguma numva umengo nokwisubirira iwacu nkamubisa !!

Gusubira iwacu naho mfise inda numva umengo nticoroshe !!

Ndabigenze gute ??”

You may also like...