Bitangaje cane umukuru w’igihugu ca Irak yatanze imihoho

Barham Salih umukuru w’igihugu ca Irak ,kimwe mu bihugu vyo muri Asia y’uburengero kikaba na kimwe mu bihugu bimaze imyaka irenga 10 kiri  mu kajagari gashingiye ku ryane za Politke ,umukuru w’igihugu  wico gihugu yatangaje bitangaje cane ko ahisemwo gutanga imihoho yo kurongora ico gihugu.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Irak akaba ari nawe yatanze imihoho ,bwana Barham Salih 

Barham Salih yajanye ikete ryo kuva mu mabanga yo kurongora ico gihugu mu Nama nshingamateka  kuruyu wa kane igenekerezo rya 26 kigarama 2019 .

Barham Salih ,akaba yatanze imihoho inyuma yo kwanka kugena umushikiranganji wambere  asanzwe agwanwa cane n’abanyagihugu ariko akaba ashigikiwe n’igihugu ca Iran .

Mu majambo ya Barham Salih  ahejeje kujana ikete ryo gutanga imihoho mu Nama nshingamateka ya Irak yagize ati” Sinshobora kugena umushikiranganji ashigikiwe na Iran kuko ndazi ko vyokwega imigumuko mu banyagihugu ,hakugena umuntu abanyagihugu badashaka nohitamwo gutanga imihoho.”

Barham Salih akaba atanze imihoho inyuma y’igihe kitari gito mu gihugu yararongoye hari imyiyerekano ndetse abajejwe agateka kazina muntu bakaba bemeza ko iyi myiyerekano imaze guhitana abantu 450.

Tubitutse ko Barham Salih yari yagiye kumabanga yo kurongora igihugu ca Irak kw’igenekerezo rya 2 gitugutu 2018 akaba yagira umukuru w’igihugu ca Irak agira 8.

You may also like...