Festus Ntanyungu yateye akagere umugambwe CNDD-FDD kugira yinjire muri Sahwanya FRODEBU.

Inyuma yaho yandikiye ikete umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD,umumenyeshako akinjuye muri uwo mugambwe,Festus Ntanyungu yamaze kwinjira mumugambwe Sahwanya Frodebu .

Festus Ntanyungu yaraye yinjiye mumugambwe Sahwanya -frodebu

Iyinjira rya Festus Ntanyungu mumugambwe wa Sahwanya -FRODEBU,ryemezwa n’urwete ryo kumwemerera gutangura gukora ibikorwa mumugambwe Sahwanya FRODEBU ryateweko umukono kuruyu wa kane,igenekerezo rya 2 Nzero 2020 na Patrick Nkurunziza asanzwe ajejwe uwo mugambwe mugisagara ca Bujumbura .

Ikete ry’umugambwe Sahwanya -FRODEBU ryemerera Festus Ntanyungu gutangura gukora ibikorwa muri uwo mugambwe.

Patrick Nkurunziza akaba yishuye ikete umushingamateka Festus Ntanyungu yari yamurungikiye kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo 2019 amusaba kwinjira muri uwo mugambwe.

Twobibutsako,umushingamateka Festus Ntanyungu imbere yokugaruka mumugambwe CNDD-FDD,yari yabanje kwifatanya nabariko bararwanya ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atosubira kwitoza mu mwaka wa 2015.

 

 

You may also like...