Inyuma yiraswa rya Gén.Qassem Soleimani,ibintu ntivyoroshe hagati ya Irani na reta zunze ubumwe za Amerika.

Inyuma yiraswa rya général Qassem Soleimani,ibintu ntivyoroshe hagati y’igihugu ca Irani hamwe na reta zunze ubumwe za Amerika.

General Qassem Soleimani yaraye yishwe n’igitero cakozwe na reta zunze ubumwe za Amerika.

Général Qassem Soleimani yarashwe kuruyu wa kane,igenekerezo rya 2 Nzero 2020 n’igitero c’indege c’abasirikare ba reta zunze ubumwe za Amerika mugihe yari yatembereye mugihugu ca Iraq murugendo rw’akazi.

Qassem Soleimani akaba yarasanzwe ari umusirikare akunzwe cane kandi akomeye mugihugu ca Irani,ndetse akaba yarasanzwe arongoye ingabo zidasanzwe zomuri ico gihugu.

Inyuma yiraswa rya Général Qassem Soleimani n’abasirikare ba reta zunze ubumwe za Amerika,igihugu ca Irani kibicishije k’umushikirangi wico gihugu ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Mohammad Javad Zarif,yamenyesheje ko biteguriye gusubiriza munkoko igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika vuba cane kandi ko ico gihugu kizokwicuza icatumye bica uwomusirikare.

Twobibutsako,mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro vya Pentagone muri reta zunze ubumwe za Amerika bamenyeshako aribo bishe General Qassem Soleiman kubera yariko aragerageza gutegura ibitero k’ubuserukizi bwa reta zunze ubumwe za Amerika mubihugu bitandukanye.

Ayandi makuru yacu ari kuri >>>>www.buja-today.com

You may also like...