Uwicaye muntebe Petero Nkurunziza yari yicayeko yagirijwe gushaka kwihagira amabanga y’umukuru w’igihugu.

Umugabo yifotoje yicaye muntebe nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’uBurundi Petero Nkurunziza yari yicayemwo mugihe yarahejeje gukoresha inama yagirizwa icaha cokugomba kwihagira amabanga y’umukuru w’igihugu.

Egide Nahayo yafashwe yifotoreje muntebe umukuru w’igihugu yari yicayemwo.

Egide Nahayo yahoze ari umucamanza muri sentare nkuru ya Muha mugisagara ca Bujumbura niwe yafashwe yicaye yongera arifotoreza muntebe umukuru w’igihugu c’uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza yari yicayemwo mugihe yarahejeje gukoresha inama abacamanza bakurubakuru bo mugihugu c’uBurundi.

Ivyo bikaba vyabaye kw’igenekerezo rya 9 Nzero umwaka wa 2019,Egide Nahayo yafatwa n’inzego zijejwe umutekano mugihe hari habonetse amasanamu yamwerekana yicaye muntebe nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’uBurundi yari yicayemwo.

Inyuma yifatwa n’ifungwa ryiwe,Egide Nahayo yagirijwe na sentare gushaka kwihagira amabanga y’umukuru w’igihugu no gucafuza umushikiranganji w’ubutungane .

Igingo ya sentare yogufungura canke kugumiza mumvuto Egide Nahayo,sentare izoyishira ahabona inyuma y’imisi mirongo itatu uhereye kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 3 Nzero 2020.

Twobibutsako Egide Nahayo yafashwe yicaye muntebe umukuru w’igihugu yari yicayemwo,nawenyene yari asanzwe yitavye iyo nama,ndetse akaba asanzwe afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

You may also like...