Ikindi gitero c’indege za Amerika kungabo za Irak zishigikiye Iran cahitanye abantu benshi.

Inyuma yigitero cahitanye Gen.Qassem Soleimani,reta zunze ubumwe za Amerika zakoze ikindi gitero kungabo za Irak zisanzwe zicuditse cane n’igihugu ca Irani ndetse kikaba cahitanye abantu batari bake.

Isanamu yerekana umwotsi wahatewe ibisasu vy’indege za Amerika mugihugu ca Irak.

Ico gitero c’indege cakozwe n’ingabo za reta zunze ubumwe za Amerika cabaye mubucagucagu bwokuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 4 Nzero 2020 ndetse kikaba cahitanye abantu batari bake nkuko bimenyeshwa n’igipolisi muri ico gihugu.

Indege zakoze ico gitero zikaba zatumbereje umurongo w’imiduga ya gisirikare ya Hachd al-Chaabi, abasirikare b’igihugu ca Irak ariko basanzwe bacuditse cane n’igihugu ca Irani.

Twobibutsako,inyuma yigitero c’ingabo za Amerika cahitanye Gen.Qassem Soleimani,ibihugu vya reta zunze ubumwe za Amerika na Irani biguma biteraterana amajambo kuburyo kumusi wejo,umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu yamenyesheje ko bategerezwa kwihorera umusirikare wabo.

 

 

You may also like...